Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Moses and Israel's elders commanded the people: "Keep every command I give you today. Mose n’abatware b’Abisirayeli bategeka abantu bati: “Muze muzigame amabwirizwa yose ndabahaye uno musi.
2 When you cross the Jordan into the land your Father is giving you, set up large stones and coat them with plaster. Nimwajabuka Yorodani mugashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, muze muhagarike amabuye maninimanini, muyasige ishwagara.
3 Write on them all the words of this law when you cross over, to enter the land your Father gives you—a land flowing with milk and honey, as our Father promised you. Hanyuma, igihe muzoba mumaze kujabuka, mugashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, igihugu gitemba amata n’ubuki nk’uko Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabibasezeraniye, muze muyandikeko amajambo yose y’ibi Vyagezwe.
4 When you cross the Jordan, set up these stones on Mount Ebal, as I command you today, and coat them with plaster. Kandi, nimwamara kujabuka Yorodani, ayo mabuye muze muyashinge ku musozi Ebalu, nk’uko ndabibategetse uno musi, muyasige ishwagara.
5 There, build an altar to your Father, an altar of stones; let no iron tool touch them. Muze muhubakire Uhoraho Imana yanyu igicaniro, mucubake mu mabuye. Ntimuze muyabazishe ivyuma.
6 Build your Father's altar with uncut stones, and offer burnt offerings on it to your Father. Muze mwubake igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu mucubakishe amabuye yo mu gahinga, mugishikanireko Uhoraho Imana yanyu amashikanwa yo guturirwa.
7 You are to sacrifice peace offerings and eat them there, and rejoice before your Father. Muze muhashikanire amashikanwa y’ishimwe, murye mwongere muhimbarirwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu.
8 And you are to write on the stones all the words of this law very clearly." Muze mwandike mu ndome zisomeka amajambo y’ibi Vyagezwe kuri ayo mabuye muzoba mwashinze.”
9 Moses and the Levitical priests told all Israel: "Quiet, Israel, and listen. Today you became the people of your Father. Mose n’abaherezi, ari bo Balewi, baca babwira Abisirayeli bati: “Yemwe Bisirayeli, nimucereze mwumvirize! Uwu musi mubaye ubwoko bw’Uhoraho Imana yanyu.
10 Obey your Father, keeping his commandments and his statutes that I command you today." Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mukurikize amategeko n’ivyagezwe vyiwe, ndabahaye uno musi.”
11 That same day Moses commanded the people: Uwo musi nyene Mose aca aha abantu ayo mabwirizwa, avuga ati:
12 "After crossing the Jordan, these will stand on Mount Gerizim to bless the people: Simeon, Levi, Judah, Issachar, Joseph, and Benjamin. “Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi miryango izoje ku musozi Gerizimu bature ku bantu imihezagiro: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yosefu, n’uwa Benyamini.
13 And these are to stand on Mount Ebal for the curse: Reuben, Gad, Asher, Zebulun, Dan, and Naphtali. Iyi ikurikira na yo izohagarare ku musozi Ebalu yature imivumo: umuryango wa Reyubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zebuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali.
14 And the Levites will call out to all the people of Israel in a loud voice: Abalewi baze basemerere n’ijwi rirenga, babwire Abisirayeli bose bati:
15 'Cursed is anyone who carves or casts an idol—detestable to our Father, made by a craftsman's hands—and sets it up in secret.' All the people must answer, 'Amen.'" ‘Haravumwe umuntu azokwibazira ikigirwamana, ikintu gisesema Uhoraho; igikorwa c’amaboko y’umucuzi, akagishinga mu mpisho.’ Maze abantu bose bazokwishure bati: ‘Amen!’
16 'Cursed is anyone who dishonors father or mother.' All the people say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu atubaha se na nyina.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
17 'Cursed is anyone who moves his neighbor's boundary marker.' And all the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu ashingura akarimbi k’umubanyi wiwe.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
18 'Cursed is anyone who misleads a blind person on the road.' All the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu azimiza impumyi.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
19 'Cursed is anyone who denies justice to the foreigner, the fatherless, or the widow.' All the people will say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu adacira urubanza rugororotse umunyamahanga, impfuvyi n’umupfakazi.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
20 Cursed is anyone who sleeps with his father's wife, for he violated his father's marriage. All the people must say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba ahumanije uburiri bwa se.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
21 'Cursed is anyone who sleeps with any animal.' And all the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu asambana n’igikoko ico ari co cose.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
22 'Cursed is anyone who sleeps with his sister, his father's daughter or his mother's daughter.' All the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu aryamana na mushikiwe, umwana wa se canke wa nyina.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
23 'Cursed is anyone who sleeps with his mother-in-law.' And all the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu asambana na inabukwe’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
24 'Cursed is anyone who strikes down his neighbor in secret.' And all the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu yica umubanyi wiwe yihishije.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
25 'Cursed is anyone who takes a bribe to kill an innocent person.' All the people say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu yakira ingero yo kwica umuntu ata co azira.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
26 'Cursed is anyone who does not uphold and obey the words of this law.' All the people are to say, 'Amen.' ‘Haravumwe umuntu adakurikiza ibi Vyagezwe, ntashire mu ngiro ico bivuga.’ Maze abantu bose bazokwishure bati ‘Amen!’
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]