Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 If men have a dispute and go to court, the judges deciding between them clear the innocent and condemn the guilty, Abantu babiri nibagira ico bapfa, baze bashire urubanza rwabo abacamanza, na bo baruce, batunganirize uwutaco yagirizwa, uwo icaha cagiriye ahanwe.
2 if the guilty man deserves a beating, the judge will make him lie down and be beaten before him, lashes numbered to fit his crime. Nimba uwatsinzwe n’icaha aciriwe urubanza rwo gukubitwa, abacamanza bazomuryamike hasi bamukubitishe imbere yabo, akubitwe izihwanye n’icaha camwagiriye,
3 Forty lashes, no more; if he beats him beyond these, your brother is degraded before your eyes. ariko ntazokubitwe izirenga mirongo ine. Niyakubitwa izirenga mirongo ine, Umwisirayeli mwenewanyu azoba ateterejwe mu maso yanyu.
4 You shall not muzzle an ox while it treads out the grain. Ntimuze mwugare umunwa w’inka iriko irasekura ingano.
5 If brothers live together and one dies without a son, the dead man's wife must not marry an outsider. Her husband's brother must take her as his wife, sleep with her, and do a brother-in-law's duty to her. Abahungu bavukana nibaba babana hanyuma umwe agapfa atavyaye umuhungu, umugore asize ntazorongorwe mu wundi muryango. Mwenewabo n’umugabo wiwe azomutware abe umugore wiwe, amukorere ivyo muramu w’umuntu abwirizwa kumukorera.
6 The firstborn she bears takes the dead brother's name, so his name is not erased from Israel. Umuhungu wa mbere azovyara azokwitwe izina ry’uwo mwenewabo yapfuye, kugira ngo izina ryiwe ntiryibagirwe muri Isirayeli.
7 If the man doesn't want to take his brother's wife, she goes up to the elders at the gate and says, "My husband's brother refuses to raise up his brother's name in Israel; he's unwilling to act as my brother-in-law." Ariko natagomba kurongora uwo mugore yasizwe na mwenewabo, uwo mugore azoce aja kw’irembo ry’igisagara abarire abatware ati: “Mwenewabo n’umugabo wanje yanse gukomeza izina rya mwenewabo muri Isirayeli. Yanse kunkorera ivyo muramu w’umuntu abwirizwa kumukorera.”
8 Then his town's elders summon and address him. If he stands firm, saying, "I don't want to take her," Maze abatware b’igisagara abamwo bazoce bamuhamagaza, babimubaze. Niyashishikara avuga ati: “Sinshaka kumucura,”
9 his brother's wife will approach him before the elders, pull his sandal off his foot, spit in his face, and say, "So it is done to the man who won't build his brother's house." wa mupfakazi azoce amwegera, imbere y’abatware, amwambure ikirato kimwe, amucire amate mu maso, avuge ati: “Uko ni ko uwanse gukomeza umuryango wa mwenewabo agirirwa.”
10 And his family will be called in Israel "The house of him whose sandal was pulled off." Umuryango w’uwo mugabo uzomenyekane mu Bisirayeli witwe umuryango w’Uwambuwe ikirato.
11 If two men fight and one's wife comes to rescue her husband from his attacker, and she reaches out and grabs his private parts, Abagabo babiri b’Abisirayeli nibaba bariko baragwana, hanyuma umugore w’umwe muri abo akaza kumutabara, hanyuma agafata amagara y’uwo agwana n’umugabo wiwe,
12 then you are to cut off her hand. Show no pity. muze mumuce ukuboko. Ntimuze mumugirire impuhwe.
13 You shall not have in your bag two kinds of weights, a large and a small. Ntimuzogire amabuye abiri atandukanye y’umunzane mw’isaho imwe, rimwe rikwije ibilo n’irindi ridakwije.
14 You shall not have in your house two kinds of measures, a large and a small. Ntimuzogire imetero zibiri mu nzu zanyu, imwe ikwiye n’iyindi idakwiye.
15 Have a full, honest weight; have a full, honest measure, so your days may be long on the land your Father is giving you. Muzogire umunzane n’imetero bikwiye kandi vy’ukuri kugira ngo muzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
16 For everyone who does such things, everyone who acts dishonestly, is detestable to your Father. Kuko Uhoraho Imana yanyu yanka uwukora bene ivyo, yanka uwufise ubugunge mu rudandazwa wese.
17 Remember what Amalek did to you on the way as you came out of Egypt, Mwibuke ivyo Abamaleki babagiriye muri mu rugendo muva muri Egiputa.
18 how he met you on the road, cut down all your stragglers behind you when you were faint and weary, and had no fear of our Father. Babateye babaciye inyuma, igihe mwari murushe, mwadendebukiwe, bica abari bagikwega amaguru inyuma, kuko batari bafise ukwubaha Imana muri bo.
19 When your Father gives you rest from all your enemies around you, in the land your Father is giving you as an inheritance to possess, wipe out Amalek's memory from under heaven. Don't forget. Uhoraho Imana yanyu niyamara kubaha akaruhuko mu gihugu abahaye nk’iragi, muzorandure Abamaleki bibagirwe musi y’ijuru.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]