Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Daniel 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the second year of his reign, Nebuchadnezzar had dreams; his spirit was troubled and his sleep left him. Mu mwaka ugira kabiri ari ku ngoma, Nebukadineza yagize indoto zikomeye zituma vyanka ko asubira gusinzira.
2 So the king ordered the magicians, enchanters, sorcerers, and astrologers summoned to tell him his dreams. They came and stood before the king. Aca atumako abanyamareba, abapfumu, abarozi n’abaragurisha kuraba inyenyeri, kugira ngo bamubwire ivyo yarose. Bashitse imbere yiwe,
3 The king said to them, "I dreamed a dream, and my spirit is troubled to know the dream." arababwira ati: “Narose indoto kandi yambujije amahoro. Ngomba kumenya ico isobanura.”
4 Then the astrologers said to the king in Aramaic, "King, live forever! Tell your servants the dream, and we will reveal its interpretation." Abaragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: “Mwami nyaguhoraho, tubwire iyo ndoto twebwe abasavyi bawe, natwe turaheza tukubwire insobanuro yayo.”
5 The king answered the astrologers, "My decree is firm: if you don't tell me the dream and its meaning, you'll be cut to pieces and your houses reduced to rubble. Umwami yishura abaragurisha kuraba inyenyeri ati: “Ng’iyi ingingo nafashe: nimutambwira indoto narose n’insobanuro yayo, muratemagurwa kandi n’inzu zanyu ndazihindura imisaka.
6 But if you tell the dream and its meaning, you'll receive gifts, rewards, and great honor from me. So tell me the dream and its meaning." Ariko nimwambwira iyo ndoto n’ingene isobanurwa, ndabaha ingabire nyinshi n’icubahiro cinshi. Nimumbwire rero indoto narose n’ico isigura!”
7 They answered a second time, "Let the king tell his servants the dream, and we will give its meaning." Na bongera kwishura umwami bati: “Nyeningoma, ehe tubwire twebwe abasavyi bawe ivyo warose, hanyuma tukumenyeshe ingene bisobanurwa.”
8 The king replied, "I know for certain you're trying to buy time, because you see my decree is firm: Umwami arabishura ati: “Ndabona ko muriko muragerageza kuraba ko umwanya woba urahera, kuko mubona ko namaze gufata ingingo.
9 If you don't tell me the dream, there is only one verdict for you. You have agreed to speak lying, corrupt words before me until the times change. So tell me the dream, then I'll know you can reveal its interpretation." Ariko nimutambwira ivyo narose, mwese murindiriwe n’igihano kimwe. Mwamaze kuja inama mbi yo kumbesha, mwibaza ko mpava mpindura ingingo nafashe. Ubu rero mimumbwire indoto narose, hanyuma nca menya ko mushobora no kumbwira uko isobanurwa.”
10 The astrologers answered the king, "No one on earth can do what the king asks. No great, powerful king ever demanded such a thing of any magician, enchanter, or Chaldean. Abo baragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: “Nta muntu n’umwe kw’isi ashobora gukora ivyo umwami adutegetse! Kandi nta mwami, uko yoba ahambaye kwose akaba n’agakomeye, yosaba ikintu nk’ico umunyamareba, umupfumu n’uwuragurisha kuraba inyenyeri n’umwe!
11 The king's request is too hard; only the gods, who don't live among mortals, can reveal it to the king." Ivyo umwami asavye ntibishoboka. Nta muntu n’umwe yoshobora kukubwira ivyo warose atari imana, kandi izo na zo ntizibana n’abantu.”
12 At this the king grew angry and furious, and ordered all Babylon's wise men destroyed. Umwami aca arashavura cane, mbere aca ategeka ko ba kamenyi bose b’i Babiloni bicwa.
13 So the decree went out to kill the wise men, and they searched for Daniel and his companions to put them to death. Icagezwe c’umwami kimaze gutangazwa ko ba kamenyi bose bicwa, baca barungika abantu kurondera Daniyeli na bagenziwe ngo na bo bicwe.
14 Then Daniel answered Arioch, the king's guard commander, with wisdom and discretion; Arioch had gone out to kill Babylon's wise men. Igihe Ariyoki, umukuru w’abacungera umutekano w’umwami yari agiye kwica ba kamenyi, Daniyeli amenya ingene amuvugisha mu bwenge n’ubwitonzi.
15 He asked Arioch, the king's officer, "Why such a harsh decree from the king?" Then Arioch explained it to Daniel. Abaza Ariyoki umukuru w’abacungera umutekano w’umwami ati: “Mbega ni kuki umwami yatanze itegeko riteye ubwoba nk’iryo?” Ariyoki aca amusigurira ivyabaye vyose.
16 So Daniel went in and asked the king for time, so that he might reveal the interpretation to the king. Ako kanya Daniyeli aca aja kuraba umwami kugira ngo amusabe umwanya wo kwitegura, hanyuma aze amusobanurire iyo ndoto.
17 Then Daniel went home and told his companions Hananiah, Mishael, and Azariah about the matter, Daniyeli arataha, abwira bagenziwe Hananiya, Mishayeli na Azariya ivyabaye.
18 urging them to plead for mercy from our Father in heaven about this mystery, so Daniel and his companions wouldn't be destroyed with Babylon's other wise men. Arabahimiriza ngo basenge cane basabe Imana nyene ijuru ibagirire ubuntu ibamenyeshe iryo banga, kugira ngo ntibicanwe n’abandi ba kamenyi b’i Babiloni.
19 Then the mystery was revealed to Daniel in a night vision, and Daniel blessed our Father in heaven. Iryo joro nyene, Daniyeli ahishurirwa iryo banga mu buryo bw’inzozi. Daniyeli aca ahimbaza Imana yo mw’ijuru,
20 Daniel said: "Blessed be the name of our Father forever and ever, for wisdom and might belong to him. avuga ati: “Izina ry’Imana rishirwe hejuru ibihe vyose, ubwenge n’ubushobozi ni ivyayo.
21 He changes times and seasons; he removes kings and sets up kings; he gives wisdom to the wise and knowledge to those who have understanding. Ni yo igera ingene ibihe bikuranwa; ikuraho abami, ikimika abandi. Iha ubwenge abanyabwenge n’ugutahura abakurondera.
22 He reveals deep and hidden things; he knows what lies in darkness, and the light dwells with him. Ni yo ihishura ibihishijwe, ikamenya ibiri mu mwijima kandi umuco ubana na yo.
23 To you, the God of my fathers, I give thanks and praise, for you have given me wisdom and might, and now you have made known to me what we asked of you; you have made known to us the king's matter." Ndagutazira kandi ndaguhimbaza, Mana ya ba sogokuruza, kuko wampaye ubwenge n’ubushobozi, ukampa kumenya ivyo twakubajije, ukatumenyesha indoto y’umwami.”
24 So Daniel went to Arioch, whom the king had appointed to destroy Babylon's wise men, and said, "Don't destroy Babylon's wise men. Take me to the king, and I will give him the interpretation." Maze Daniyeli aca aja kuraba Ariyoki, uwo umwami yari yatumye kwica ba kamenyi b’i Babiloni. Aramubwira ati: “Ntiwice ba kamenyi b’i Babiloni, njana iyo umwami ari ndamumenyeshe ico indoto yiwe isigura.”
25 Then Arioch quickly brought Daniel before the king and said, "Among the exiles of Judah I found a man who can tell the king the interpretation." Ariyoki aca ajana Daniyeli iyo umwami ari yihuta, abwira umwami ati: “Naronse umwe mu banyagano b’Abayuda ashobora kukumenyesha ico indoto warose isigura.”
26 The king asked Daniel, called Belteshazzar, "Can you tell me the dream I saw and what it means?" Umwami abaza Daniyeli, uwo bise Beluteshaza, ati: “Ni ivy’ukuri ko ushobora kumbwira indoto narose n’ingene isobanurwa?”
27 Daniel answered the king, "No wise men, enchanters, magicians, or astrologers can reveal the mystery the king asks about. Daniyeli yishura umwami ati: “Nta muntu n’umwe yaba kamenyi, umupfumu, umunyamareba canke uwuragura yoshobora kukumenyesha iryo banga;
28 But our Father in heaven reveals mysteries, and has made known to King Nebuchadnezzar what will happen in the latter days. Your dream and the visions in your mind as you lay on your bed were these: ariko hariho Imana iba mw’ijuru ishobora guhishura amabanga. Ni yo yahishuriye umwami Nebukadineza ibizoba muri kazoza. Indoto yawe hamwe n’ivyo weretswe vyaciye mu mutwe wawe igihe wari uryamye ku buriri bwawe ni izi:
29 "As you lay in bed, O king, your thoughts turned to what would come, and the revealer of mysteries showed you what is to be. Nyeningoma, igihe wari usinziriye, warose ivyerekeye ibihe bizoza kandi iyihishura amabanga yakweretse ibizoba mu gihe kiri imbere.
30 But this mystery was revealed to me not because I have more wisdom than anyone else alive, but so the king may know its interpretation, and you may understand your heart's thoughts. Ku binyerekeye, iryo banga sinarihishuriwe kubera ndusha abandi ubwenge, ariko ni kubera Imana igomba ko wewe Nyeningoma umenya ico indoto warose isigura kandi utahure ivyiyumviro vyatumye uhagarika umutima.
31 "You watched, O king, and saw a great statue. This statue, huge and dazzling in brightness, stood before you, and its appearance was terrifying. Nyeningoma, mu ndoto yawe wabonye igishushanyo kinini gisa n’umuntu gikayangana kandi giteye ubwoba gihagaze imbere yawe.
32 The statue's head was fine gold, its chest and arms silver, its belly and thighs bronze, Umutwe w’ico gishusho wari ugizwe n’inzahabu nziza, amaboko n’igikiriza vyari bigizwe n’ifeza, inda n’urukenyerero vyari bigizwe n’umwakaka,
33 its legs of iron, its feet partly of iron and partly of clay. amaguru yaco yari agizwe n’ivyuma, ibirenge vyaco na vyo bikaba vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba.
34 While you watched, a stone cut without hands struck the statue's feet of iron and clay, crushing them. Uriko uraraba, wabonye ibuye ridatewe n’umuntu n’umwe rivudutse ku musozi, riraza rikubita ibirenge vya ca gishusho bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, rirabijanjagura.
35 Then the iron, clay, bronze, silver, and gold were all broken to pieces together, becoming like chaff on a summer threshing floor. The wind carried them off, leaving no trace. But the stone that struck the statue became a great mountain filling the whole earth. Nuko ca cuma na rya bumba, wa mwakaka, ya feza na ya nzahabu vyose bihinduka umukungugu, umuyaga uraza urabitumura, aho vyahora ntihasigara n’akamenyetso kavyo. Ariko iryo buye ryamenaguye ico gishusho rica rirakura, rivamwo umusozi munini wuzura isi yose.
36 "This was the dream. Now we will tell the king its interpretation. Iyo ni yo ndoto yawe, ubu na ho ngira ndakubwire uko isobanurwa.
37 You, king, are the king of kings, to whom our Father in heaven has given kingdom, power, might, and glory. Nyeningoma, wewe uri umwami ahambaye cane mu bandi bami bose. Imana yo mw’ijuru yaguhaye ububasha bwinshi, ubushobozi, inkomezi n’icubahiro.
38 Into your hand he has placed all people, the beasts of the field, and the birds of the sky, wherever they live, making you ruler over them all. You are the head of gold. Yaguhaye gutegeka ahantu hose haba abantu, mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba n’inyoni ibishira musi y’ubutware bwawe. Ni wewe rero uri uwo mutwe w’inzahabu w’ico gishusho.
39 "After you another kingdom will arise, inferior to yours; then a third kingdom, of bronze, ruling over all the earth. Inyuma y’ubwami bwawe, hazoza ubundi bwami butazoba buhambaye nk’ubwawe, hanyuma haze n’ubwa gatatu bugereranywa n’umwakaka kandi na bwo butegeke isi yose.
40 A fourth kingdom will be strong as iron—iron breaks and shatters everything—and as iron crushes all these, it will break and crush them. Hanyuma hazoza ubwami bugira kane, buzoba bukomeye nk’icuma, buzomenagura busanzaze ubwami bwose bwabwitangiye imbere, kurya ivyuma bimenagura bigasanzaza ikintu cose.
41 As you saw the feet and toes—part potter's clay, part iron—it will be a divided kingdom; yet it will have some of iron's strength, just as you saw iron mixed with soft clay. Ibirenge n’amano wabonye, vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, vyerekana ko ubwo bwami buzoba butagira ubumwe; ariko buzoba burimwo ubushobozi nk’ubw’icuma, nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba.
42 As the toes were partly iron and partly clay, so the kingdom will be partly strong and partly brittle. Ariko nk’uko mu mano igice kimwe cari kigizwe n’icuma ikindi kigizwe n’ibumba, ubwo bwami hamwe buzoba bufise inkomezi, ahandi buzoba bufise intege nke.
43 As you saw iron mixed with soft clay, the people will mix in marriage but not hold together, just as iron does not mix with clay. Kandi nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba, ni ko abantu b’ubwo bwami bazogerageza kugiriranira amasezerano yo kwifatanya. Ariko kurya icuma bidashobora gufatana neza n’ibumba, ni ko bitazokunda ko bwifatanya.
44 "In those kings' days our Father in heaven will set up a kingdom never to be destroyed, nor its rule left to another people. It will crush all these kingdoms and end them, and it will stand forever. Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw’ijuru izokwihagurukiriza ubwami butazokwigera burangira canke ngo bukurweho n’ubundi. Buzorandura ubwo bwami bwose buburangize, ariko bwo buzokwamaho ibihe bidashira.
45 This is what the vision meant: the stone cut from a mountain, not by human hands, broke the iron, bronze, clay, silver, and gold to pieces. Our great Father has shown the king what will happen after this. The dream is certain, its interpretation trustworthy." Insobanuro y’ivyo ni ibuye wabonye riva ku musozi kandi ridatewe n’ukuboko kw’umuntu n’umwe, rikikubita kuri ca gishusho, rikamenagura icuma, umwakaka, ibumba, ifeza n’inzahabu. Imana ihambaye yeretse umwami ibizoba mu gihe kiri imbere. Iyo ndoto ni iy’ukuri kandi insobanuro yayo ni iyo kwizerwa.”
46 Then King Nebuchadnezzar fell facedown, bowed to Daniel, and ordered offering and incense given to him. Umwami Nebukadineza aca yikubita hasi yubamye imbere ya Daniyeli, amuha icubahiro cinshi, atanga itegeko ngo bamubagire ibimazi bongere bamuturirire ibimota neza.
47 The king told Daniel, "Truly your God is God of gods, Lord of kings, and revealer of secrets, since you could reveal it." Umwami abwira Daniyeli ati: “Ni ukuri, Imana yawe ni yo Mana iri hejuru y’ivyitwa imana vyose, iganza abami bose igahishura ibihishijwe, kuko washoboye guhishura iryo banga.”
48 Then the king promoted Daniel to high honor, gave him many great gifts, and made him ruler of Babylon's whole province and chief prefect over all its wise men. Hanyuma umwami aca aha Daniyeli ikibanza c’icubahiro, amuha n’ubundi bushimwe bwinshi, amuha kuganza abahanuzi b’umwami bose bo mu ntara ya Babiloni.
49 Daniel asked the king, who put Shadrach, Meshach, and Abednego over Babylon province's affairs; Daniel remained at the king's court. Vyongeye, abisabwe na Daniyeli, umwami aha Shadarake, Meshake na Abedinego gutegeka intara yose ya Babiloni. Daniyeli we aguma ku kirimba i bwami.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]