Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Five days later the high priest Ananias came down with some elders and a lawyer, Tertullus, and they brought charges against Paul before the governor. Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara.
2 When Paul was summoned, Tertullus began his accusation: "Through you we enjoy great peace, and reforms have come to this nation through your foresight, Pawulo arengukijwe, Teritulo atangura kumwagiriza avuga ati: “Nyakwubahwa, tumaze igihe kirekire turi mu mahoro kubera intwaro yawe nziza, kandi ubwenge bwawe bwatumye hahinduka vyinshi mu gihugu cacu.
3 we acknowledge this in every way and everywhere, most excellent Felix, with all gratitude. Muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima.
4 But so as not to detain you any further, I ask you to hear us kindly, in a few words. Ariko ntiriwe ndakwicisha amajambo, ndakwinginze utugirire ubuntu utwumvirize akanya gato.
5 We found this man a plague, stirring up riots among all the Jews worldwide, and a ringleader of the Nazarene sect. Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari hose kw’isi akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,
6 He even tried to desecrate the temple, so we seized him. kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu,
7 Not in this edition ariko Lusiyasi umukuru w’abasoda araza amudushikura mu maboko ku nguvu,
8 By examining him yourself, you can learn all we accuse him of." ategeka ko abamwagiriza baza kukwitura.] Nawe niwamwibariza uraza gusanga ivyo tumwagiriza ari ukuri.”
9 The Jews also joined in the attack, insisting that these things were so. Maze abandi Bayuda baca bahuriza hamwe mu kwemeza ko ivyo Teritulo avuze vyose ari ukuri.
10 The governor motioned him to speak. Paul answered: "Knowing you've judged this nation for many years, I gladly defend myself. Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: “Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe.
11 You can confirm it's no more than twelve days since I went up to worship in Jerusalem. N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga.
12 They found me arguing with no one, stirring up no crowd—not in the temple, the synagogues, or anywhere in the city. Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ari ho hose muri ico gisagara.
13 Nor can they prove to you the charges they are now bringing against me. Aba bantu ntibashobora kwerekana ivyemeza ivyo bariko baranyagiriza.
14 But I confess to you: following the Way—they call it a sect—I worship the God of our ancestors, believing all that agrees with the Law and is written in the Prophets. Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nkurikiza inzira, abo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo Ivyagezwe vyigisha vyose hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.
15 I have hope in our Father—one these men also hold—that the righteous and unrighteous alike will rise. Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’ivyo aba bantu bafise, ko hazobaho ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi.
16 So I always strive to keep my conscience clear before our Father and before people. Ni co gituma nkora ibishoboka vyose kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.
17 After several years I came to bring charitable gifts for my nation's poor, and offerings. Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.
18 Amid this, they found me purified in the temple—no crowd, no uproar. Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.
19 Some Jews from Asia should be here before you to accuse, if they have anything against me. Ariko hari bamwe mu Bayuda bo muri Aziya. Ni bo bari kuza imbere yawe bakagira ico bavuze hamwe boba bafise ico banyagiriza.
20 Or let these men themselves say what wrongdoing they found when I stood before the council, Canke abari ngaha, nibavuge icaha basanze kinyagira igihe narengutswa imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda,
21 except this one thing I shouted standing among them: 'It's over the resurrection of the dead that I'm on trial before you today.'" uretse iki kimwe ko nasemereye mpagaze imbere yabo mvuga nti: ‘Aha ndiko ncirwa urubanza kuko nizera ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.’ ”
22 Felix, who knew the Way fairly well, adjourned the hearing: "When Lysias the commander arrives, I will decide your case." Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’iyo Nzira, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”
23 He ordered the centurion to guard Paul but allow him some freedom, not stopping any of his friends from serving him. Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.
24 Some days later, Felix came with his wife Drusilla, a Jew, sent for Paul, and heard him about faith in Christ Jesus. Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu.
25 As Paul discussed righteousness, self-control, and the coming judgment, Felix grew frightened and said, "That's enough for now; go. When I find time, I'll call for you." Pawulo ariko aravuga ivyerekeye ukugororoka, ukwirinda n’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”
26 He also hoped Paul would give him money, so he sent for him often and talked with him. Kubera yari yiteze ko Pawulo ashobora kumuha igiturire, yama amutumako kenshi bakaganira.
27 After two years, Porcius Festus succeeded Felix. Wanting to please the Jews, Felix left Paul in prison. Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesitusi, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]