Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 About that time King Herod attacked some who belonged to the church, intending to harm them. Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama.
2 He had James, the brother of John, put to death with the sword. Nuko afata Yakobo, yavukana na Yohana, amwicisha inkota.
3 Seeing that this pleased the Jews, Herod proceeded to seize Peter too, during the days of Unleavened Bread. Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.
4 He arrested him, put him in prison, and handed him to four squads of four soldiers to guard, intending to bring him out to the people after the Passover. Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.
5 Peter was kept in prison, but the church prayed fervently to our Father for him. Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.
6 That night, before Herod could bring him out, Peter slept between two soldiers, bound with two chains; guards before the door kept watch over the prison. Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.
7 Suddenly an angel of our Father stood beside him, and light filled the cell. He struck Peter's side, woke him, and said, "Get up quickly." The chains fell from his hands. Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka.
8 The angel told him, "Get dressed and put on your sandals." Peter complied. Then he said, "Wrap your cloak around you and follow me." Uwo mumarayika aca abarira Petero ati: “Ambara impuzu n’ibirato vyawe.” Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: “Ambara umutamana wawe, unkurikire.”
9 So Peter went out and followed, not knowing the angel's actions were real—he thought he saw a vision. Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa.
10 Passing the first and second guard posts, they reached the iron gate to the city, which opened for them on its own. They went out, walked one street, and the angel suddenly left him. Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga ngaho Petero, ntiyasubira kumubona.
11 Then Peter came to himself and said, "Now I know for certain: our Father sent his angel and rescued me from Herod's hand and from everything the Jewish people expected." Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”
12 Aware of this, he went to Mary's house, mother of John also called Mark, where many were gathered praying. Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.
13 When Peter knocked at the door of the gateway, a servant girl named Rhoda came to answer. Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye.
14 Recognizing Peter's voice, she was so overjoyed she ran in without opening the gate, announcing Peter stood there. Yumvise ijwi rya Petero, aranezerwa cane, aca asubira inyuma yiruka atuguruye, avuga ati: “Ni Petero ari kw’irembo!”
15 "You're out of your mind," they said. But she insisted it was true. So they said, "It's his angel." Baca bamubwira bati: “Na mba wataye ubwenge!” Ariko babonye ashishikaye kuvyemeza, baca bavuga bati: “Ashobora kuba ari umumarayika wiwe!”
16 But Peter kept on knocking, and when they opened the door and saw him, they were astonished. Petero ashishikara kudodora, buguruye urugi basanga ni we, baratangara cane.
17 Signaling with his hand for quiet, he explained how our Father had led him out of prison. "Tell James and the brothers and sisters this," he said, then left for another place. Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.
18 When morning came, there was no small commotion among the soldiers over what had become of Peter. Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero.
19 Herod, after searching for him and not finding him, questioned the guards and ordered them executed. Then he went down from Judea to Caesarea and stayed there. Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica. Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe.
20 Herod was enraged at Tyre and Sidon. Together they came to him, and having won over Blastus, the king's chamberlain, they requested peace, since their land depended on the king's land for food. Yari amaze igihe atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode Agiripa yatwara.
21 On the set day Herod dressed in royal robes, sat on the throne, and made a speech to them. Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho.
22 And the crowd kept shouting, "This is the voice of a god, not of a man!" Maze abantu basemererera rimwe bavuga bati: “Iyi ni imana ivuze, si umuntu.”
23 Instantly an angel of our Father struck him down for not giving our Father the glory, and worms ate him and he died. Ariko, kubera Herode Agiripa atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa.
24 But the word of our Father continued to grow and spread. Nuko ijambo ry’Imana rica rirashishikara kugwira no kwamamara.
25 Barnabas and Saul returned from Jerusalem, having finished their mission, taking with them John, also called Mark. Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, baca bava i Yerusalemu, bagenda bajanye na Yohana, ari we Mariko.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]