Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There was a man in Caesarea named Cornelius, a centurion of what was called the Italian Cohort. I Kayisariya hariho umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.
2 He was devout, feared our Father with his whole household, gave many gifts to the people, and prayed to our Father constantly. We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga ubudasiba.
3 About three in the afternoon he saw clearly in a vision an angel of our Father come to him and say, "Cornelius." Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha cenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, maze avuga ati: “Koruneliyo!”
4 Staring at him, terrified, he said, "What is it, sir?" The angel replied, "Your prayers and gifts to the poor have risen as a memorial before our Father." Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Uwo mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vyo gufasha abakene vyaduze imbere y’Imana biba ishikanwa ry’icibutso.
5 Now send men to Joppa and bring a man named Simon, who is called Peter. Nuko rero rungika abantu i Yopa, bazane umugabo yitwa Simoni ari we Petero.
6 He is lodging with a tanner named Simon, whose house is by the sea. Ari kumwe na Simoni, akora ivyo gutunganya insato, inzu yiwe iri ku nkengera y’ikiyaga.”
7 When the angel who spoke to him left, Cornelius called two of his household servants and a devout soldier from among his regular attendants, Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe hamwe n’umusoda yubaha Imana, umwe mu bamugendanira.
8 and after explaining everything to them, he sent them to Joppa. Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa.
9 The next day, as they journeyed and neared the city, Peter went up on the roof to pray, about noon. Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga hejuru ku gisenge c’inzu gusenga.
10 He grew hungry and wanted to eat, but while they prepared food, a trance came over him, Hanyuma arasonza, ashaka ico arya. Bakiriko barategura infungurwa, aca aja mu vyo kwerekwa.
11 and saw heaven opened, and something like a large sheet coming down, lowered by its four corners to the earth. Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine.
12 It held all kinds of four-footed animals and reptiles of the earth and birds of the air. Carimwo ibikoko vy’ubwoko bwose bigendera ku maguru ane, ibikwega inda hasi, hamwe n’ibiguruka mu kirere.
13 And a voice came to him: "Rise, Peter; kill and eat." Maze yumva ijwi rimubwira riti: “Petero we, haguruka, ubage, urye.”
14 But Peter said, "Absolutely not, Lord; for I have never eaten anything common or unclean." Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.”
15 The voice came to him again, a second time: "What I have made clean, don't call common." Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”
16 This happened three times, and at once the sheet was taken up to heaven. Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
17 While Peter was puzzled over what the vision meant, suddenly the men sent by Cornelius, having asked the way to Simon's house, stood at the gate, Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.
18 and called out to ask whether Simon who was called Peter was lodging there. Maze barahamagara babaza ko Simoni yitwa Petero yoba ari ho asavye indaro.
19 As Peter thought about the vision, the Holy Spirit said to him, "Three men are looking for you. Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera.
20 Get up, go downstairs, and go with them without hesitation, for I have sent them." Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse.”
21 Peter went down to the men and said, "I'm the one you're looking for. Why have you come?" Petero arururuka, abwira ba bantu ati: “Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?”
22 They said, "Cornelius, a centurion, upright, fears our Father, and respected by the whole Jewish nation, was told by a holy angel to summon you to his house and hear what you have to say." Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”
23 So he invited them in and hosted them. Next day he set out with them, joined by some brothers from Joppa. Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.
24 The next day he entered Caesarea. Cornelius, expecting them, had gathered his relatives and close friends. Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo mu kubarindira, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe.
25 When Peter entered, Cornelius met him and fell down at his feet and worshiped him. Petero ashitse mu nzu, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge.
26 But Peter lifted him up, saying, "Stand up! I'm a man too." Ariko Petero aramubwira ati: “Haguruka kuko nanje ndi umuntu nka we!”
27 While talking with Cornelius, Peter went in and found many people gathered. Nuko bagenda baraganira berekeje aho abantu benshi bari bari.
28 He said to them, "You yourselves know it's unlawful for a Jew to associate with or visit someone of another nation. But our Father showed me I should call no one common or unclean. Maze Petero aca ababwira ati: “Murazi neza ko amategeko y’idini ryacu atemerera Umuyuda kwifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.
29 So, sent for, I came without objection. Now, why did you send for me?" Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”
30 Cornelius said, "Four days ago at this hour, three in the afternoon, I was praying in my house, and suddenly a man in bright clothing stood before me, Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje
31 and said, 'Cornelius, your prayer was heard and your gifts to the poor remembered before our Father. ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vyo gufasha aboro.
32 So send to Joppa and call for Simon, known as Peter. He's staying in Simon the tanner's house, by the sea.' Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asavye indaro mu nzu kwa Simoni akora umwuga wo gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’
33 So I sent for you at once, and you did well to come. Now we're all here before God, to hear all the Lord has commanded you." Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”
34 Peter spoke up: "I truly see our Father shows no favoritism, Nuko rero Petero aherako avuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni,
35 but in every nation anyone who fears him and does what is right is acceptable to him. ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera.
36 He sent his word to the Israelites, announcing good news of peace through Jesus Christ—he is Lord of all. Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga inkuru nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose.
37 You yourselves know what happened throughout all Judea, beginning from Galilee after the baptism that John proclaimed: Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha;
38 how our Father anointed Jesus of Nazareth with the Holy Spirit and power, how he went about doing good and healing all oppressed by the devil, for our Father was with him. ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.
39 We are witnesses of all he did in the Jews' land and Jerusalem—they killed him, hanging him on a tree, Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba,
40 but our Father raised him on the third day and made him appear, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ituma asubira kuboneka.
41 not to all the people but to us, witnesses whom our Father chose beforehand, who ate and drank with him after he rose from the dead. Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we ivyokurya n’ibinyobwa amaze kuzuka mu bapfuye.
42 He commanded us to preach to the people and testify: our Father appointed him judge of the living and the dead. Kandi yadutumye kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashizeho ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye.
43 To him all the prophets testify that everyone believing in him receives forgiveness of sins through his name." Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”
44 While Peter was still saying these things, the Holy Spirit fell on all who heard the word. Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose.
45 The circumcised believers who came with Peter were amazed that the gift of the Holy Spirit was poured out on Gentiles too. Abizera bo mu bakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,
46 For they heard them speaking in tongues and praising our Father. Then Peter declared, kuko babumvise bavuga mu ndimi zitamenyekana, bahimbaza Imana. Maze Petero aca avuga ati:
47 "Can anyone refuse water to baptize these people, who received the Holy Spirit as we did?" “Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?”
48 He ordered them baptized in Jesus Christ's name. Then they asked him to stay several days. Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]