Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When the king had settled in his house, and our Father had given him rest from all his surrounding enemies, Umwami amaze gushika neza mu ngoro yiwe kandi Uhoraho amaze kumuha kuruhuka intambara z’abansi biwe bose bari bamukikije,
2 the king told Nathan the prophet, "Look now, I live in a house of cedar, but our Father's ark stays in a tent." abwira Natani uwavugishwa n’Imana ati: “Ehe raba jewe mba mu nzu yubatswe n’ibiti vy’amasederi, nayo Isandugu y’Imana iba mw’ihema.”
3 Nathan told the king, "Go, do all that's in your heart, for our Father is with you." Natani yishura umwami ati: “Ivyo wiyumvira gukora vyose, genda ubikore kuko Uhoraho ari kumwe nawe.”
4 But that same night the word of our Father came to Nathan: Ariko muri iryo joro, ijambo ry’Uhoraho riza kuri Natani riti:
5 "Go tell my servant David: This is what your Father says: 'Are you the one to build me a house to live in? “Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Mbega ni wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo?
6 I have not lived in a house since I brought Israel up from Egypt until now, but have moved from place to place with a tent for my dwelling.' Sinigeze mba mu nzu kuva igihe nakuriye Abisirayeli muri Egiputa gushika uwu musi. Namye nimuka mva mu kibanza kimwe nja mu kindi, nkibera mw’ihema.
7 Wherever I moved with all Israel, did I ever say a word to any leader I commanded to shepherd my people, 'Why haven't you built me a house of cedar?' Ahantu hose nimukiye ndi kumwe n’Abisirayeli bose, hari aho nigeze mbwira umutware n’umwe mu barongozi nabahaye ngo baragire ubwoko bwanje bw’Abisirayeli nti: Ni kuki mutanyubakira inzu mu biti vy’amasederi?’ ”
8 Now tell my servant David: This is what the Father of heaven's armies says: 'I took you from the pasture, from following the flock, to rule my people Israel. “None rero, genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nagukuye mu bwungere aho waragira intama, ndagutoranya ngo ube uwuganza abantu banje b’Abisirayeli.
9 I was with you wherever you went, and cut off all your enemies before you. I will make your name great, like the greatest on earth. Nabanye nawe aho wagiye hose, kandi naherengeteje abansi bawe imbere yawe. None ngira nkuze izina ryawe ribe nk’amazina y’abahambaye bo kw’isi.
10 I will provide a place for my people Israel and plant them there to live undisturbed in their own place. Violent men will no longer oppress them as before, Kandi nzoha abantu banje b’Abisirayeli aho kuba, ndabateragire ahantu hatekanye ngo bagire inzu yabo bwite, aho batazokwongera kuburagizwa. Abansi babo ntibazosubira kubacinyiza nk’uko bahora babigira kera,
11 from when I appointed judges over my people Israel. I will give you rest from all your enemies. Your Father also declares to you that he himself will make you a house. uhereye igihe nashiraho abacamanza bo kurongora abantu banje b’Abisirayeli. Nzoguha no kuruhuka intambara z’abansi bawe bose. Uhoraho ni we akumenyesheje ko ari we ubwiwe azokwubakira inzu.
12 When your days end and you rest with your ancestors, I will raise up your offspring after you, who comes from your own body, and I will establish his kingdom. Imisi yawe niyashira ukaja kuruhuka hamwe na ba sogokuruza bawe, nzohagurutsa uwo mu ruvyaro rwawe wo kugusubirira ku ngoma, akomoka kuri wewe, kandi nzokomeza ubwami bwiwe.
13 He will build a house for my name, and I will establish his kingdom's throne forever. Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi nzokomeza intebe y’ubwami bwiwe ibihe bidashira.
14 I will be his Father, and he will be my son. When he sins, I will discipline him with a human rod, with blows human hands deal, Nzomubera se, na we azombera umwana. Niyakora ibibi, nzomuhanisha inkoni nk’uko umuvyeyi wese yobikora.
15 but my covenant love will not leave him, as I removed it from Saul, whom I removed from before you. Ariko urukundo rwanje ntiruzokwigera rumuvako, nk’uko narukuye kuri Sawuli, uwo nagukuye imbere.
16 Your house and your kingdom will endure forever before me; your throne will be established forever.'" Inzu yawe n’ubwami bwawe bizokwamaho ibihe vyose imbere yanje; intebe y’inganji yawe izokwama ihangamye ibihe bidashira.’ ”
17 Nathan reported to David all these words and this entire vision. Nuko Natani aragenda ashikiriza Dawidi ayo majambo yose y’uko guhishurirwa.
18 Then King David went in and sat before our Father, and said: "Who am I, Sovereign Father, and what is my house, that you brought me this far? Nuko umwami Dawidi arinjira yicara imbere y’Uhoraho, maze avuga ati: “Jewe ndi iki, yewe Uhoraho Nyeninganji, kandi n’umuryango wanje wari iki, ko wanshikanye aha hose?
19 As if this were a small thing in your eyes, Sovereign Father, you have also spoken of your servant's house far into the future. Is this your way with all humanity, Sovereign Father? Kandi Uhoraho Nyeninganji, nk’aho umenga ibi ntibikwiye mu nyonga zawe, wongeyeko no kuvuga ibizoba ku nzu y’ubwami y’umusavyi wawe muri kazoza. None uko ni ko wama ugirira umuntu buntu, ga yewe Uhoraho Nyeninganji?
20 What more can David say to you? For you know your servant, O Sovereign Father. Mbega jewe Dawidi nokubwira ikindi ki? Ko uzi umusavyi wawe, ga yewe Uhoraho Nyeninganji!
21 For your word's sake and your own heart, you have done all this greatness, making it known to your servant. Wakoze iki kintu gihambaye wongera ukimenyesha umusavyi wawe, kubera ijambo ryawe kandi nk’uko wabigomvye.
22 So you are great, Sovereign Father. There is none like you, and no God but you, from all we have heard with our own ears. Mbega ukuntu uhambaye, ga yewe Uhoraho Nyeninganji! Nta n’umwe asa nawe, kandi nta yindi Mana atari wewe, nk’uko twavyiyumviye n’amatwi yacu.
23 Who is like your people Israel, the one nation on earth our Father went out to redeem as a people for himself, making a name for himself, doing for you great and awesome things—driving out nations and their gods before your people, whom you redeemed for yourself from Egypt? Kandi ni irihe hanga kw’isi yose rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli; ihanga Imana yihagurukiye ikaja gucungura kugira ngo ribe iryo yiharije? Izina ryawe warishize hejuru igihe wabacungura ubakuye muri Egiputa. Wakoze ibihambaye biteye ubwoba wirukana amahanga n’ibigirwamana vyayo vyari imbere y’abantu bawe wari wacunguye ubakura muri Egiputa.
24 You made your people Israel your own forever, and you, our Father, became their Father. Wihinduriye abantu bawe b’Abisirayeli kuba abo wiharije ibihe vyose, kandi nawe Uhoraho, wahindutse Imana yabo.
25 And now, our Father, keep forever the word you spoke about your servant and his house, and do as you promised.' None rero, Uhoraho Mana, uze ukomeze iryo sezerano ibihe vyose iryo usezeraniye umusavyi wawe n’inzu yiwe. Uze ukore nk’uko wasezeranye,
26 Your name will be great forever, and people will say, 'The Father of heaven's armies is God over Israel.' The house of your servant David will stand firm before you. kugira ngo izina ryawe rirushirize kuba irihambaye. Maze abantu bazovuge bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose ni Imana y’Abisirayeli!’ Kandi n’inzu y’umusavyi wawe Dawidi izokomerera imbere yawe.
27 For you, Father of heaven's armies, God of Israel, revealed this to your servant: 'I will build you a house.' So your servant found courage to pray this prayer to you. Ewe Uhoraho Mushoboravyose, Mana y’Abisirayeli, wahishuriye ibi umusavyi wawe, uvuga uti: ‘Nzokwubakira inzu.’ None rero umusavyi wawe natewe intege zo kuza ngo ngusenge iri sengesho.
28 And now, Sovereign Father, you are God, your words are true, and you promised this good thing to your servant. None rero Uhoraho Nyeninganji, uri Imana! Amajambo yawe ni ayo kwizigirwa, kandi usezeraniye umusavyi wawe ibi vyiza bingana bityo.
29 So now, please bless your servant's house, that it may last forever before you. For you, Sovereign Father, have spoken, and with your blessing your servant's house will be blessed forever." None rero nibiguhimbare guhezagira inzu y’umusavyi wawe, kugira ngo yame imbere y’inyonga zawe ibihe vyose; kuko wewe Uhoraho Nyeninganji, ari wewe wabivuze, kandi inzu y’umusavyi wawe izohezagirwa ibihe vyose ku bw’umuhezagiro wawe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]