Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Later, Absalom got himself a chariot and horses, with fifty men to run ahead of him. Inyuma y’ivyo, Abusalomu yironkera umukogote n’amafarasi n’abantu mirongo itanu bagendera imbere yiwe.
2 Absalom would rise early and stand beside the road to the gate. Whenever someone with a dispute came to the king for judgment, Absalom would call out, "What city are you from?" The man would answer, "Your servant is from one of the tribes of Israel." Agahora avyuka mu gitondo ca kare agahagarara i ruhande y’inzira ija kw’irembo ry’igisagara. Hagira umuntu aharengana afise ikimubabaje agiye kubaza i bwami, Abusalomu agaca amuhamagara ati: “Uva mu gisagara ikihe?” Na we akishura ati: “Umusavyi wawe ndi uwo mu muryango w’Abisirayeli uyu n’uyu.”
3 Then Absalom would say to him, "Look, your claims are good and right, but the king has appointed no one to hear you." Maze Abusalomu agaca amubwira ati: “Ehe raba, ivyo uvuga birumvikana kandi uri mu kuri, ariko umwami nta muntu afise wo kubumviriza.”
4 Absalom would add, "If only I were appointed judge in the land! Anyone with a dispute or case could come to me, and I'd give him justice." Maze Abusalomu agaca yongerako ati: “Ese icari kumpa nkaba umucamanza muri iki gihugu! Umuntu wese afise ivyo arega canke ico apfa na mugenziwe yociye aza iwanje nanje nkamutunganiriza neza.”
5 Whenever anyone approached to bow before him, Absalom reached out, took hold of him, and kissed him. Vyongeye, igihe cose umuntu yamwegera akamwunamira, Abusalomu yaca amufata ukuboko akamugumbira.
6 Absalom did this to every Israelite who came to the king for judgment, and so he stole the hearts of Israel. Abusalomu agakorera ivyo umuntu wese wo mu Bisirayeli agiye gusaba gutunganirizwa ku mwami, gutyo amera nk’uwutwaye imitima Abisirayeli bose, arayigarurira.
7 After four years, Absalom said to the king, "Please let me go to Hebron to fulfill a vow I made to our Father. Haheze imyaka ine, Abusalomu abwira umwami ati: “Ndagusavye undekure ngende i Heburoni gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho.
8 For while living at Geshur in Aram I vowed: 'If our Father brings me back to Jerusalem, I will worship him.'" Igihe umusavyi wawe nari i Geshuri muri Siriya, nararahiye nti: Uhoraho niyansubiza i Yerusalemu, nzomushimirira i Heburoni.”
9 The king said to him, "Go in peace." So Absalom got up and went to Hebron. Umwami aravuga ati: “Genda amahoro.” Nuko aja i Heburoni.
10 Absalom sent secret messengers through all the tribes of Israel: "When you hear the ram's horn, say, 'Absalom reigns in Hebron!'" Maze ari ngaho, Abusalomu aca arungika abantu mu mpisho mu miryango yose y’Abisirayeli kubabwira ngo: “Nimwumva inzamba zivuze, muce muvuga muti: ‘Abusalomu ni umwami yimikiwe i Heburoni.’ ”
11 200 invited men from Jerusalem went with Absalom in all innocence, knowing nothing about the plot. Abusalomu yari yaherekejwe n’abantu amajana abiri kuva i Yerusalemu. Bari batumiwe nk’abatumire gusa, bagenda batazi na kimwe mu biriko birategurwa.
12 As Absalom offered the sacrifices, he sent to Giloh for David's counselor Ahithophel the Gilonite. The conspiracy grew strong, and Absalom's following kept increasing. Igihe Abusalomu yariko aratanga ibimazi, atumako na Ahitofeli Umunyagiloni, umujenama wa Dawidi, ngo ave mu gisagara ca Gilo aho yaba aze. Nuko abifatanya na Abusalomu bakomeza kuba benshi kandi uwo mugambi wiwe ushishikara gukomera.
13 A messenger came to David: "Israel's hearts have turned to Absalom." Haza umuntu i Yerusalemu azanye inkuru, abwira Dawidi ati: “Imitima y’Abisirayeli bose iri kumwe na Abusalomu mu nama yo kugukura.”
14 David told all the servants with him in Jerusalem, "Get up! We must run, or none of us will escape Absalom. Hurry, or he will soon catch us, ruin us, and strike the city with the sword." Nuko Dawidi abwira abishikira biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu ati: “Nimuze duhunge ahandi ho nta n’umwe muri twebwe akira inkota ya Abusalomu. Dutegerezwa kuva ngaha ubu nyene, kuko atari uko aradusanga hano aduteze ivyago vyinshi kandi yicishe inkota abari muri iki gisagara bose.”
15 The king's servants answered him, "Whatever my lord the king decides, your servants are ready." Ba bishikira baramwishura bati: “Abasavyi bawe turiteguye gukora ico umwami ahitamwo cose.”
16 So the king left, his whole household following, but left ten concubines to keep the palace. Umwami asohokana n’abo mu rugo rwiwe bose baramukurikira; ariko asiga incoreke icumi ngo zisigare ziritaho ikirimba.
17 The king set out with all the people following him, and they stopped at the last house. Nuko Umwami aragenda, ari kumwe n’abantu bamukurikiye, bahagarara ku nzu ya nyuma y’igisagara.
18 All his servants passed by beside him, along with all the Cherethites and Pelethites; and all 600 Gittites who had followed him from Gath marched before the king. Ingabo za Dawidi zose zica imbere yiwe, Abakereti n’Abapeleti bacungera ubuzima bw’umwami n’abandi amajana atandatu b’Abagati bari babanye na we kuva i Gati baja imbere yiwe.
19 The king said to Ittai the Gittite, "Why come with us too? Go back and stay with the new king; you're a foreigner, an exile far from your homeland. Umwami abwira Itayi Umugati ati: “Ni kuki ujanye natwe? Isubirire inyuma ugumane n’umwami Abusalomu. Wewe uri inyambukira, wahunze uva mu gihugu c’iwanyu.
20 You came only yesterday. Should I make you wander with us today, when I don't even know where I'm going? Go back, take your brothers with you. May our Father show you covenant love and faithfulness." Waje ejobundi. None uwu musi ntume wangarana natwe, ko ntazi iyo ndiko ndaja? Subira inyuma, ujane n’ab’iwanyu bose. Ukugira neza n’ubwizigirwa vy’Uhoraho bibane namwe.”
21 Ittai answered the king, "As surely as our Father lives and my lord the king lives, wherever my lord the king is, whether life or death, there your servant will be." Ariko Itayi yishura umwami ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ndahiye na wewe nyene umwami, aho umwami wanje azoba ni ho nanje nzoba, ari ugupfa canke ugukira.”
22 David told Ittai, "Go, cross over." So Ittai the Gittite crossed over with all his men and all the little ones with him. Dawidi abwira Itayi ati: “Ni vyiza hogi bandanya tugende.” Nuko Itayi Umugati aragenda ajana n’abantu bari kumwe na we n’imiryango bari kumwe.
23 The whole land wept loudly as all the people crossed over. The king crossed the Kidron Valley, and all the people crossed toward the wilderness. Abantu bose bariko bararira baboroga babonye abantu babacako bagenda. Umwami na we nyene ajabuka umwonga wa Kidironi, kandi n’abantu bose bamukondorera inyuma bagenda berekeye mu bugaragwa.
24 Zadok was there too, with all the Levites carrying the ark of the covenant of our Father. They set down the ark of our Father, and Abiathar offered sacrifices until all the people had finished leaving the city. Sadoki na we nyene n’Abalewi bose bari kumwe na we, bateruye Isandugu y’Isezerano y’Imana. Bashira ya Sandugu y’Imana ngaho, maze Abiyatari atanga ibimazi kugeza abantu bose bahejeje kuva mu gisagara.
25 The king said to Zadok, "Take the ark of our Father back into the city. If our Father is pleased with me, he will bring me back and let me see it and where he lives again. Nuko umwami abwira Sadoki ati: “Subiza iyo Sandugu y’Imana mu gisagara. Uhoraho ninaba ndamuhimbaye, azongarukana ampe gusubira kuyibona n’ihema ryayo.
26 But if he says, 'I take no delight in you,' here I am—let him do to me as he sees fit." Ariko niyavuga ati: ‘ntukimpimbaye,’ na ho nyene nditeguye; nankorere ivyo abona ko bimbereye vyose.”
27 The king also said to Zadok the priest, "Aren't you a seer? Return to the city in peace, and take your two sons with you—Ahimaaz your son and Jonathan son of Abiathar. Umwami yongera kubwira Sadoki umuherezi ati: “Mbega wabitahuye? Subira mu gisagara amahoro mwe na Abiyatari n’umuhungu wawe Ahimazi hamwe na Yonatani mwene Abiyatari. Wewe na Abiyatari mujane n’abahungu banyu bompi.
28 I will wait at the wilderness crossings until word comes from you to inform me." Nanje, nzorindirira mu biyaya vyo kuri Yorodani aho ubugaragwa butangurira gushika aho nzoronkera amakuru mundungikiye.”
29 So Zadok and Abiathar carried the ark of our Father back to Jerusalem and stayed there. Nuko Sadoki na Abiyatari batwara ya Sandugu y’Imana i Yerusalemu baca bagumayo.
30 David went up the Mount of Olives, weeping as he climbed, his head covered and feet bare. All the people with him covered their heads and climbed, weeping as they went. Ariko Dawidi wewe aguma agenda aduga Umusozi wa Elayono, agenda ararira ingenda; agenda yitwikiriye mu maso kandi ata birato yambaye. Abo bari kumwe na bo nyene bitwikira mu maso bagenda bararira uko baduga.
31 David was told, "Ahithophel is among the conspirators with Absalom." So David prayed, "our Father, turn Ahithophel's counsel into foolishness." Ico gihe babwira Dawidi bati: “Ahitofeli na we nyene ari mu bagumutsi, ari kumwe na Abusalomu.” Maze Dawidi aca arasenga ati: “Yewe Uhoraho, hindura ubupfu inama ya Ahitofeli.”
32 When David reached the summit, where worship was offered to our Father, Hushai the Archite was there to meet him, his robe torn and dust on his head. Dawidi ashitse ku gatwe k’umusozi, aho abantu bahora basengera Imana, Hushayi Umwaruki ni ho yari aje kumusanganira, yitabaguriyeko impuzu, yisize ivu mu mutwe.
33 David said to him, "If you come with me, you'll only be a burden to me." Dawidi amubwira ati: “Niwajana nanje, uzombera umuzigo.
34 But if you go back to the city and tell Absalom, 'I will be your servant, my king; as I served your father before, so now I will serve you,' then you can undo Ahithophel's advice for me. Ariko niwasubira mu gisagara ukabwira Abusalomu uti: ‘Nzoba umusavyi wawe mwami; nk’uko nahora ndi umusavyi wa so muri kahise, ni ko n’ubu nzoba umusavyi wawe,’ aho ni ho uzomfasha kwica inama za Ahitofeli.
35 Zadok and Abiathar the priests are there with you. Tell them everything you hear in the king's house. Mbega ntuzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Uzobabwire ivyo uzokwumva vyose ku kirimba c’umwami.
36 Their two sons are there with them—Zadok's son Ahimaaz and Abiathar's son Jonathan. Send me word through them of all you hear. Abahungu babo babiri, Ahimazi mwene Sadoki na Yonatani mwene Abiyatari, bari kumwe na bo. Uzobandungikire baze kumbwira ivyo wumvise vyose.”
37 So Hushai, David's friend, came into the city just as Absalom was entering Jerusalem. Nuko Hushayi umugenzi wa Dawidi ashika i Yerusalemu mu gihe Abusalomu yariko arinjira mu gisagara.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]