Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Josiah, eight when made king, reigned thirty-one years in Jerusalem. Mother: Jedidah daughter of Adaiah, from Bozkath. Yosiya yari afise imyaka umunani igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo itatu n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yedida, umukobwa wa Adaya, w’i Bozikati.
2 He did right in our Father's eyes, walking in all the ways of David his father, turning neither right nor left. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi, ntiyahengamira i buryo canke i bubamfu.
3 In his eighteenth year, King Josiah sent Shaphan son of Azaliah son of Meshullam, the secretary, to our Father's house, saying: Mu mwaka ugira cumi n’umunani ari ku ngoma, umwami Yosiya ahamagara umunyamabanga wiwe yitwa Shafani mwene Azaliya, Azaliya mwene Meshulamu, amutuma mu Ngoro y’Uhoraho.
4 Go up to Hilkiah the high priest and have him total the money brought into our Father's house, which the doorkeepers collected from the people. Amubwira ati: “Genda ubwire Hilukiya umuherezi mukuru, yegeranye amahera yatanzwe mu Ngoro y’Uhoraho, ayo abakozi bo ku miryango y’ingoro bari begeranije ava mu bantu.
5 Give it to the supervisors appointed over the work in our Father's house, and have them pay the workers in our Father's house repairing its damage. Maze ayahe abantu b’abizigirwa, bagenewe gukurikirana neza ibikorwa vyo mu Ngoro. Abo bantu na bo bazohembe abazokora ibikorwa vyo gusanura Ingoro y’Uhoraho;
6 The carpenters, builders, masons—and to buy timber and hewn stone to repair the house. ababaji n’abubatsi, maze bongere bagure imbaho, babazishe n’amabuye yo gusanura Ingoro.
7 No accounting is required of the money entrusted to them, for they act faithfully. Ariko ntibazokwirirwa barabazwa uko bazoba bakoresheje amahera bahawe, kuko ari abizigirwa.”
8 High priest Hilkiah told secretary Shaphan, "I found the Book of the Law in our Father's house." He gave it to Shaphan, who read it. Hilukiya umuherezi mukuru abwira Shafani umwanditsi ati: “Ndatoye Igitabu c’Ivyagezwe mu Ngoro y’Uhoraho.” Aca agiha Shafani, na we aragisoma.
9 Shaphan the secretary told the king, "Your servants poured out the money found in the temple and gave it to the workers and supervisors at the house of our Father." Maze Shafani asubira inyuma abarira umwami ati: “Abatware bawe batanze amahera yari mu Ngoro y’Uhoraho, bayahaye abo bizeye ko bokurikirana ibikorwa vyo mu Ngoro.”
10 Shaphan the scribe told the king, "Hilkiah the priest gave me a scroll," and read it aloud before him. Yongera abwira umwami ati: “Hilukiya umuherezi mukuru yampaye iki gitabu.” Hanyuma Shafani agisomera imbere y’umwami.
11 When the king heard the words of the Book of the Law, he tore his clothes. Maze umwami yumvise amajambo yo muri ico Gitabu c’Ivyagezwe, aca yitaburirako impuzu.
12 The king commanded Hilkiah the priest, Ahikam Shaphan's son, Achbor Micaiah's son, Shaphan the scribe, and Asaiah the king's servant: Aca ategeka Hilukiya umuherezi, Ahikamu mwene Shafani, Akibori mwene Mikaya, Shafani umunyamabanga w’umwami na Asaya umukozi w’umwami ati:
13 "Go, ask our Father for me, for the people, for all Judah about the words of this discovered book. Great is our Father's anger burning against us, because our ancestors did not obey this book's words by doing all that is written about us." “Nimugende munsigurize Uhoraho jewe n’abantu n’ab’i Buyuda bose ku vyerekeye ivyanditswe muri iki gitabu catowe. Uburake bw’Uhoraho bwasutswe kuri twebwe burateye ubwoba kuko ba sogokuruza batumviye amajambo ari muri iki gitabu, ngo bakore ibihwanye n’ivyanditswemwo.”
14 So Hilkiah the priest, Ahikam, Achbor, Shaphan, and Asaiah went to Huldah the woman prophet, wife of Shallum son of Tikvah son of Harhas, wardrobe keeper, living in Jerusalem's Second District, and spoke with her. Umuherezi Hilukiya hamwe na Ahikamu, Akibori, Shafani na Asaya baca baja kuvugana na Hulida umuvugishwa, yari umugore wa Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Haruhasi uwari ajejwe imyambaro yo mu Ngoro. Uwo Hulida yaba i Yerusalemu mu gice gishasha c’igisagara.
15 She told them, "This is what our Father, the God of Israel, says: Tell the man who sent you to me, Na we ababwira ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nimugende mubwire uwabantumyeko muti
16 our Father says: I am bringing disaster on this place and its people—all the words the king of Judah has read in the book. Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngiye guteza icago aha hantu n’abantu baho, nk’uko vyanditswe mu gitabu umwami w’i Buyuda yasomye.
17 Because they abandoned me, burned incense to other gods, provoking me to anger with all their handiwork, my anger will burn against this place unquenched. Kuko bantaye, bagaturirira ibimota neza izindi mana, bakandakisha ibigirwamana amaboko yabo yakoze, uburake bwanje buzoziriringira aha hantu, kandi nta kizobuhwamika.
18 Tell Judah's king, who sent you to inquire of the Father: our Father, Israel's God, says this about the words you heard. Nimugende mubwire umwami w’i Buyuda yabatumye kumusiguriza Uhoraho, muti: Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ku vyerekeye amajambo wumvise:
19 Because your heart was soft and you humbled yourself before the Father on hearing what I spoke against this place and its people—that they would become a ruin and a curse—and tore your clothes and wept before me, I too have heard you, declares the Father. Ko umutima wawe wakozweko, ukicisha bugufi imbere y’Uhoraho ucumva amajambo navuze kuri aha hantu no ku bantu baho ko bagiye guherengetera no gucika umuvumo, kandi ko witaburiyeko impuzu ukaririra imbere yanje; nanje nakwumvise, ni ko Uhoraho avuze.
20 So I will gather you to your ancestors; you will be gathered to your grave in peace, your eyes not seeing all the disaster I will bring on this place." Then they brought her answer back to the king. None rero nzoguha kwitahira amahoro uhamvye ba sogokuruza bawe. Amaso yawe ntazobona ivyago vyose ngiye guteza aha hantu.’ ” Nuko bashira umwami iyo nyishu abahaye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]