Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In Ahaz king of Judah's twelfth year, Hoshea son of Elah became king over Israel in Samaria, and he reigned nine years. Mu mwaka ugira mirongo ibiri Ahazi ari ku ngoma i Buyuda, Hoseya mwene Ela ni ho yaba umwami wa Isirayeli, atwara imyaka umunani aba i Samariya.
2 He did evil in our Father's sight, though not like the kings of Israel before him. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ariko ntiyanganya n’abami baganje imbere yiwe.
3 Shalmaneser king of Assyria marched up against him, and Hoshea became his vassal and paid him tribute. Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Hoseya, aramunesha, maze Abisirayeli bategekwa kwama batanga amashikanwa yo kwisaba menshi ku mwaka ku mwaka, bayaha Ashuri.
4 But Assyria's king discovered that Hoshea was plotting treachery: he had sent messengers to So king of Egypt and stopped paying Assyria's king the yearly tribute. So Assyria's king seized and bound him in prison. Mu nyuma umwami wa Ashuri amenya ko Hoseya ariko ararondera kumugarariza mu kurungika intumwa ku mwami So wa Egiputa, kugira ngo amufashe kwikura musi y’agacinyizo ka Ashuri. Ivyo vyatumye Shalumaneseri aca amufata amushira mw’ibohero.
5 The king of Assyria invaded the whole land, marched up to Samaria, and besieged it three years. Umwami w’i Ashuri araza atera igihugu cose ashika i Samariya, arahugariza kumara imyaka itatu.
6 In Hoshea's ninth year Assyria's king took Samaria, exiled Israel to Assyria, settling them in Halah, on the Habor, Gozan's river, and in Media's cities. Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, umwami wa Ashuri afata Samariya, atwara Abisirayeli bose mu buja, abimurira ahitwa Halahi mu ntara ya Gozani hafi y’uruzi Habori mu bisagara vy’Abamedi.
7 All this happened because Israel sinned against our Father, who brought them up from Egypt, from under the hand of Pharaoh king of Egypt, and they worshiped other gods, Ivyo vyose vyabaye kw’ihanga ry’Abisirayeli kuko bacumuye k’Uhoraho Imana yabo, yabakuye muri Egiputa, musi y’ububasha bwa Farawo umwami wa Egiputa, hanyuma bagasenga izindi mana.
8 and followed the customs of the nations our Father drove out before them, and those Israel's kings introduced. Bagendeye mu ngeso z’abanyamahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu bikorwa bibi abami ba Isirayeli bigeneye gukora.
9 Israel secretly did wrong against our Father, building high places in all their towns, from watchtower to fortified city. Abisirayeli bakoreye mw’ibanga n’ibindi bidahimbara Uhoraho Imana yabo. Biyubakiye ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi mu bisagara vyose kuva ku minara y’abarinzi gushika mu bisagara vyubatswe neza.
10 They set up sacred pillars and Asherah poles on every high hill and under every green tree. Biyubakira ibibanza vyo gusengeramwo vy’amabuye n’inkingi za Ashera ku misozi miremire no musi y’ibiti bininibinini.
11 At every high place they burned incense, like the nations our Father drove out before them. They did evil that provoked our Father to anger. Baturirira ibimota neza ku misozi nk’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo. Bakoze ibibi vyinshi vyatumye Uhoraho abarakira.
12 They served idols, though our Father had told them, "You must not do this." Basenze ibigirwamana, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibaze bakore ikintu nk’ico.
13 Our Father warned Israel and Judah through every prophet and seer: "Turn from your evil ways and keep my commands and decrees—the whole law I gave your ancestors and sent you through my servants the prophets." Uhoraho yaburiye Isirayeli n’Ubuyuda aciye ku bavugishwa n’abateramyi biwe, avuga ati: “Nimuve mu nzira zanyu mbi. Mukurikize amategeko n’amabwirizwa yanje yose ari mu Vyagezwe, ivyo nahaye ba sogokuruza banyu nkongera nkabibaha nciye ku basavyi n’abavugishwa banje.”
14 But they would not listen. They stiffened their necks like their ancestors, who did not trust our Father. Ariko ntibamwumviye, bakomantaza imitima nka ba sekuruza, batigeze bemera kwizera Uhoraho Imana yabo.
15 They rejected his decrees, the covenant with their ancestors, and his warnings. They chased worthless idols and became worthless, imitating the surrounding nations our Father forbade them to copy. Bataye amategeko yiwe hamwe n’isezerano yagiranye na ba sekuruza, hamwe n’imburi yagiye arabarungikira. Bakurikiye ibigirwamana ata co bimaze, amaherezo na bo bacika imburakimazi nka vyo. Bagendeye mu ngeso z’amahanga abakikuje, kandi Uhoraho yari yarabihanikirije ati: “Ntimuzokwigenze nk’uko bigenza,” ariko bakora ivyo Uhoraho yari yarababujije.
16 They abandoned all our Father's commandments, made two cast calf idols and an Asherah pole, bowed to all heaven's starry host, and served Baal. Bashiburiye kure amategeko y’Uhoraho Imana yabo, bicurira ibigirwamana bibiri mw’ishusho y’impfizi, bishingira n’inkingi ya Ashera. Bunamira inyenyeri zo kw’ijuru, bongera basenga Bayali.
17 They burned their sons and daughters as sacrifices, practiced fortune-telling and witchcraft, sold themselves to do evil before our Father, provoking his anger. Bagera n’aho batanga abana babo nk’ibimazi ku bicaniro, bagendera mu bupfumu no kuraguza, biyegurira gukora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, bituma uburake bw’Uhoraho bubaziriringira.
18 So our Father, furious with Israel, removed them from his presence. Only the tribe of Judah remained, Uburake bw’Uhoraho ni bwo bwatumye abirukana mu nyonga ziwe, hasigara umuryango wa Yuda wonyene.
19 Judah too did not keep the commands of our Father, but followed Israel's practices. Ariko Abayuda na bo nyene ntibagendeye mu mabwirizwa y’Uhoraho Imana yabo. Bagendeye mu nzira z’ivyaha nk’ivy’Abisirayeli.
20 So our Father rejected all Israel's descendants, brought suffering on them, and handed them to raiders until he cast them from his presence. Ni ho Uhoraho yaheba Abisirayeli, akabateza ivyago, akabarekurira mu maboko y’ababanyaga utwabo gushika n’aho abomora akabakura mu nyonga ziwe.
21 When our Father tore Israel from the house of David, they crowned Jeroboam son of Nebat their king. Jeroboam drove Israel from following our Father and led them into great sin. Uhoraho amaze gukura Abisirayeli ku bwami bwa Dawidi, bimitse Yerobowamu mwene Nebati nk’umwami wabo. Yerobowamu akwegera Abisirayeli kure y’Uhoraho, atuma bakora ivyaha vyinshi.
22 Israel persisted in all the sins Jeroboam committed; they did not turn from them, Abisirayeli bagendera mu vyaha vya Yerobowamu, ntibigera babivamwo,
23 until our Father removed Israel from his presence, as he said through all his servant prophets. So Israel was exiled from their land to Assyria, remaining there to this day. gushika aho Uhoraho abirukana imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugishije abasavyi biwe bose ari bo bavugishwa. Ni co catumye Abisirayeli batwarwa nk’inyagano muri Ashuri, ari na yo bakiri gushika n’ubu.
24 Assyria's king brought people from Babylon, Cuthah, Avva, Hamath, and Sepharvaim, settling them in Samaria's towns to replace Israel. They took over Samaria and lived in its towns. Maze umwami wa Ashuri azana abantu abakuye i Babiloni, i Kuta, muri Ava, muri Hamati n’i Sefaruvayimu, abashira mu bisagara vya Samariya, basubirira Abisirayeli. Nuko bigarurira Samariya n’ibisagara vyaho, babibamwo.
25 When they first lived there, they didn't worship our Father; so he sent lions among them that killed some of them. Bakihashika ntibasenga Uhoraho, bituma arungika intare zica abatari bake muri bo.
26 They told Assyria's king: "The nations you deported to Samaria's towns don't know what the god of the land requires. So he sent lions among them, killing them, because they don't know what the land's god requires." Maze haza intumwa ku mwami wa Ashuri imubwira iti: “Abantu watwaye ukabakwiragiza mu bisagara vy’i Samariya ntibazi ingene basenga imana yaho. Ni co gituma yarungitse intare muri bo, ubu zikaba ziri mu kubamara.”
27 Assyria's king ordered: "Send back one priest you exiled from Samaria. Let him live there and teach the people what the land's god requires." Maze umwami wa Ashuri aca atanga itegeko ati: “Nimufate umuherezi umwe mu bo mwazanye mu buja, mumurungike asubire i Samariya, yigishe abimukiyeyo ivyagezwe vy’imana y’ico gihugu.”
28 So one of the priests deported from Samaria settled in Bethel and taught them how to worship our Father. Nuko umuherezi umwe mu bari batwawe bava i Samariya asubirayo, aba i Beteli, yigisha ababayo gusenga Uhoraho.
29 But each nation made its own gods and set them in the high-place shrines the Samaritans built, each nation in the towns where it lived. Ariko na ho nyene, imigwi itandukanye y’abanyamahanga yikorera imana zayo, mu bisagara babamwo, bashira ibigirwamana mu bibanza vyo gusengeramwo Abisirayeli bari barubatse.
30 The people from Babylon made Succoth-benoth, those from Cuth made Nergal, those from Hamath made Ashima, Abari bavuye i Babiloni basenga Sukoti-Benoti, abavuye i Kuta bagasenga Nerugali, abavuye i Hamati na bo bagasenga Ashima.
31 the Avvites made Nibhaz and Tartak, the Sepharvites burned their children in the fire as sacrifices to Adrammelech and Anammelech, gods of Sepharvaim. Abari bavuye muri Awa basenga imana zabo Nibati na Tarutaki. Abari bavuye i Sefaruvayimu baturira abana babo bwite nk’ibimazi vyo gushikanira Adurameleki na Anameleki.
32 They worshiped our Father yet appointed from among themselves all sorts of priests for the high places, who sacrificed for them at the shrines. Barasenga Uhoraho ariko bashiraho n’abantu batandukanye babagira abaherezi bo gushikana ibimazi mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi.
33 They worshiped our Father, yet served their own gods by the customs of the nations they were deported from. Kandi naho basenga Uhoraho babandanije kumubangikanya no gukorera imana zabo bamwebamwe bose ukurikije ukuntu bari basanzwe babikora mu mahanga baje bavamwo.
34 To this day they keep their former customs. They do not worship our Father, nor do they follow statutes, rules, law, and commandment our Father gave Jacob's children, whom he named Israel. Kugeza n’ubu baracashishikara iyo migenzo yabo. Ntibasenga Uhoraho canke ngo bakurikize amabwirizwa, amategeko n’Ivyagezwe Uhoraho yahaye uruvyaro rwa Yakobo, uwo yahavuye yita Isirayeli.
35 When our Father made a covenant with them, he commanded them: "Don't worship, bow to, serve, or sacrifice to other gods. Igihe Uhoraho yagirana isezerano n’Abisirayeli, yari yababwiye ati: “Ntimuzosenge izindi mana, ngo muzipfukamire, canke ngo muzikorere, muzishikanire n’ibimazi.
36 But your Father brought you out of Egypt with great power and an outstretched arm—worship him. Bow to him; offer sacrifices to him. Muzosenge Uhoraho wenyene, uwabakuje muri Egiputa ukuboko kwiwe kw’inkomezi, azobe ari we wenyene musenga.
37 Always be careful to keep the statutes, rules, law, and commandment he wrote for you. Do not worship other gods. Muzokwame mukurikiza Ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko, ntihaze hagire izindi mana musenga.
38 Do not forget the covenant I made with you, and do not worship other gods. Ntimuzokwigere mwibagira isezerano nabagiriye, ngo musenge izindi mana.
39 But worship your Father, and he will rescue you from the hand of all your enemies." Uhoraho Imana yanyu, azobe ari we musenga wenyene, kuko ari we azobakiza abansi banyu.”
40 They would not listen, however, but persisted in their former customs. Ariko ntibamwumviye, bigumiye mu ngeso zabo za kera.
41 These nations worshiped our Father yet served their idols. Their children and grandchildren do as their ancestors did, to this day. N’abo bantu bashasha iyo basenga Uhoraho, bamubangikanya n’ibigirwamana. Kandi gushika n’ubu, abuzukuru n’abuzukuruza babo baracakora ibikorwa nk’ivya ba sekuruza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]