Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hearing Solomon's fame, the queen of Sheba came to Jerusalem to test him with hard questions—a huge retinue, camels bearing spices, much gold, precious stones. Reaching Solomon, she told him all on her mind. Umwamikazi w’i Sheba yumvise ingene Salomo ari umuntu ahambaye, aja i Yerusalemu kumugerageresha ibibazo bigoye cane. Ashika ari kumwe n’abamuherekeje benshi, ingamiya zikoreye ibimota neza, inzahabu nyinshi cane, n’amabuye y’agaciro; maze aja aho Salomo ari aganira na we ivyo yiyumvira vyose.
2 Solomon answered all her questions; nothing was too hard for him to explain to her. Salomo yishura ibibazo vyose yamubajije, ntihagira na kimwe kimunanira kumusigurira.
3 When the queen of Sheba had seen the wisdom of Solomon, and the palace he had built, Umwamikazi w’i Sheba abonye ubwenge bwa Salomo n’ingoro yubatse,
4 the food on his table, his officials seated, his servants attending, their clothing, his cupbearers and theirs, and the burnt offerings at the house of our Father—it took her breath away. ivyokurya vyo ku meza yiwe, ivyicaro vy’abatware biwe, abakozi biwe bagabura ku meza n’imyambaro yabo, abamuhereza ivyo kunywa n’imyambaro yabo, n’ibimazi bituriwe yatanga mu Ngoro y’Uhoraho, aratangara cane.
5 She told the king, "The report I heard in my own land about your words and your wisdom was true. Abarira umwami ati: “Ivyo numviye mu gihugu canje ku vyerekeye ivyo wakoze hamwe n’ubwenge bwawe, nsanze ari ukuri.
6 I didn't believe the reports until I came and saw for myself. Not half the greatness of your wisdom was told me; you surpass the report I heard. Ariko sinari navyizeye gushika nishikiye hano nkavyibonera n’amaso yanje ubwanje. Mu vy’ukuri, nta n’igice bambwiye c’ingene ubwenge bwawe bungana; birarengeye kure cane ivyo bambwiye.
7 How happy your people! How happy these servants who stand before you always, hearing your wisdom! Erega abantu bawe barahiriwe! Eka n’abagendanyi bawe na bo nyene barahiriwe, bo bama bahagaze imbere yawe imisi yose, bumviriza ivy’ubwenge bwawe!
8 Blessed be the LORD your God, who delighted in you and set you on his throne as king for the LORD your God! Because your God loved Israel, establishing them forever, he made you king to do justice and righteousness." Uhoraho Imana yawe iragahimbazwa, kuko wayihimbaye maze ikagushira ku ntebe yayo ngo uganze mw’izina ryayo. Ku bw’urukundo Imana yawe ikunda Abisirayeli n’ukugomba kubashigikira ibihe vyose, yakugize umwami ngo ubarongore, kandi ukomeze uguca imanza zibereye no kugororoka.”
9 She gave the king about 9,000 pounds of gold, great quantities of spices, and precious stones. No spice ever matched what the queen of Sheba gave King Solomon. Maze aca ashikanira umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu, ibimota neza vyinshi, n’amabuye y’igiciro. Nta n’umwe yongeye gushikanira umwami ibimota neza bingana n’ivyo umwamikazi w’i Sheba yashikaniye umwami Salomo.
10 Huram's and Solomon's servants, who brought gold from Ophir, also brought sandalwood and precious stones. I ruhande y’ivyo, abantu ba Hiramu n’abantu ba Salomo bazanye inzahabu zo muri Ofiru; bazana n’ibiti vyitwa santali n’amabuye y’igiciro kinini.
11 From the sandalwood the king made steps for our Father's house and his palace, and lyres and harps for the singers—none like them ever seen in Judah. Umwami aca akoresha vya biti vya santali mu kwubaka ingazi z’Ingoro y’Uhoraho n’ingoro yiwe, yongera abikoramwo amakembe n’inanga vy’abacuraranzi. Nta bintu vyiza nk’ivyo vyari bwaboneke mu Buyuda.
12 King Solomon gave the queen of Sheba all she desired, whatever she asked, more than she had brought him. Then she returned to her own land with her servants. Umwami Salomo aha umwamikazi w’i Sheba ivyo yipfuza n’ivyo yasavye vyose; amwihera n’izindi ngabire nk’uko umugenzo w’ubugwaneza bw’umwami Salomo wari uri. Maze arahaguruka asubira mu gihugu ciwe n’abari kumwe na we.
13 The weight of gold that came to Solomon in a single year was about twenty-five tons, Ingabire Salomo yaronka ku mwaka ku mwaka zangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu,
14 besides what traders and merchants brought; all the kings of Arabia and governors of the land brought gold and silver to Solomon. udashizemwo ubundi butunzi yaronka biciye mu makori abadandaza batanga hamwe n’ayava mu bami bose bo muri Arabiya; abatware bo mu gihugu ciwe na bo bakama bamushikanira inzahabu n’ifeza.
15 King Solomon made 200 large shields of hammered gold, each with about fifteen pounds of gold. Umwami Salomo acurisha inkinzo nininini amajana abiri mu nzahabu; imwimwe yose itwara shekeli amajana atandatu z’inzahabu.
16 He made 300 smaller shields of hammered gold, about seven and a half pounds each. The king put them in the House of the Forest of Lebanon. Acurisha n’izindi nkinzo ntonto amajana atatu mu nzahabu, imwe yose ikajako shekeli amajana atatu z’inzahabu. Umwami aca azibika mu ngoro yise Ikibira c’i Libani.
17 The king made a large ivory throne and covered it with pure gold. Hanyuma umwami akoresha intebe y’ubwami nini isharijwe n’amahembe y’inzovu ayomekako inzahabu ihinguwe neza.
18 The throne had six steps with a gold footstool attached to it; armrests flanked the seat, with two lions standing beside them, Iyo ntebe yari ifise ingazi zitandatu, n’ico gushirako ibirenge c’inzahabu cari gifatanye na yo. Ku mpande zose z’iyo ntebe hari ivyo gushirako amaboko, kandi hari n’ibishushanyo vy’intare bibiri bihagaze i ruhande y’amaboko.
19 and twelve lions stood there, one at either end of each of the six steps. Nothing like it was ever made for any kingdom. Hari n’ibindi bishushanyo cumi na bibiri vy’intare, kimwekimwe ku mpera y’ingazi yose muri zimwe zitandatu. Nta ntebe nk’iyo yari bwigere iboneka mu bwami na bumwe.
20 All King Solomon's cups were gold, and every vessel of the House of the Forest of Lebanon was pure gold. Silver counted as nothing in Solomon's days, Ibikombe vyose vy’umwami Salomo vyari bikozwe mu nzahabu, n’ibikoresho vyose vyo mu ngoro yise Ikibira c’i Libani vyari bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza, kuko ifeza yafatwa nk’aho ifise agaciro gato mu gihe ca Salomo.
21 for the king's ships sailed to Tarshish with Huram's servants; every three years the Tarshish ships returned with gold, silver, ivory, apes, and peacocks. Umwami yari afise amato yo kudandaza yaja i Tarushishi atwawe n’abantu ba Hiramu. Uko imyaka itatu iheze ayo mato yaba agarutse avuye i Tarushishi, azanye inzahabu, ifeza, amahembe y’inzovu, inkende, n’amadendo.
22 So King Solomon surpassed all the kings of the earth in riches and wisdom. Maze umwami Salomo aba agahambaye mu butunzi no mu bwenge kurusha abandi bami bose bo kw’isi.
23 All the kings of the earth sought Solomon's presence to hear the wisdom our Father put in his heart. Abami bose bo kw’isi bagomba kubonana na Salomo ngo bumve ubwenge Imana yamuhaye.
24 Each brought his gift—silver and gold articles, garments, weapons, spices, horses, and mules—year after year. Ku mwaka ku mwaka, abaja kumuraba umwe wese yagenda amushikaniye ifeza n’inzahabu, amakanzu, ibigwanisho, ibimota neza, amafarasi, n’inyumbu.
25 Solomon had 4,000 horse-and-chariot stalls and 12,000 horsemen, kept in the chariot cities and with the king in Jerusalem. Salomo yari afise ibibandahori ibihumbi bine vy’amafarasi n’imikogote, n’amafarasi ibihumbi cumi na bibiri. Zimwe yazitungira mu bisagara vy’imikogote, izindi zikaba i Yerusalemu aho yaba.
26 He ruled all the kings from the Euphrates to the land of the Philistines, to Egypt's border. Yaganza abami bose uhereye ku ruzi Efurate mu buraruko hamwe n’igihugu c’Abafilisitiya, gushika ku rubibe rwa Egiputa mu bumanuko.
27 The king made silver in Jerusalem like stones, and cedar as plentiful as foothill sycamore-figs. Umwami agwiza ifeza i Yerusalemu zisigara zimeze nk’amabuye, imbaho z’agaciro z’amasederi na zo ziragwira zimera nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu biyaya vy’i Buyuda.
28 Horses were imported for Solomon from Egypt and from all the lands. Amafarasi ya Salomo yava muri Egiputa no mu bindi bihugu vyose.
29 Solomon's other deeds, first to last—aren't they recorded in the words of Nathan the prophet, Ahijah of Shiloh's prophecy, and the visions of Iddo the seer about Jeroboam son of Nebat? Ibindi vyabaye ku ngoma ya Salomo, uhereye ku ntango ugashitsa kw’iherezo, mbega vyose ntivyanditswe mu vyagenda biraba vyanditswe na Natani uwavugishwa n’Imana, mu vyavugishijwe na Ahiya w’i Shilo no mu vyeretswe Ido uwerekwa vyerekeye Yerobowamu mwene Nebati?
30 Solomon reigned in Jerusalem over all Israel forty years. Salomo yabaye ku ngoma i Yerusalemu aganza Abisirayeli bose kumara imyaka mirongo ine.
31 Solomon rested with his ancestors, buried in the city of David his father. His son Rehoboam reigned in his place. Nuko Salomo arapfa ahamvya ba sekuruza; ahambwa mu Gisagara ca se Dawidi. Maze umuhungu wiwe Rehobowamu amusubirira ku ngoma.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]