Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After these things and these acts of faithfulness, Sennacherib, Assyria's king, invaded Judah, besieged its fortified cities, meaning to break into them for himself. Inyuma y’ivyo vyose Hezekiya yakoze mu bwizigirwa, Senakeribu umwami w’i Ashuri aza gutera i Buyuda. Yugariza ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, agomba kuvyigarurira.
2 When Hezekiah saw that Sennacherib had come, intent on making war against Jerusalem, Maze Hezekiya abonye ko Senakeribu yaje kandi ko atumbereye kugwanya Yerusalemu,
3 he consulted his officials and warriors about blocking the springs outside the city, and they helped him. avugana n’abaganwa biwe n’abakuru b’ingabo ngo bazibire amazi yo mu masoko yose yari inyuma y’igisagara, maze baramufasha.
4 Many people gathered and blocked all the springs and the stream flowing through the land, asking, "Why should Assyria's kings come and find abundant water?" Abantu benshi barakorana, bazibira amasoko yose n’umugezi wose watemba mu gihugu. Baravuga bati: “Ni iki cotuma umwami w’i Ashuri aza agasanga amazi yuzuye?”
5 He worked hard to rebuild all the broken sections of the wall, raised towers on it, built another wall outside, strengthened the Millo of the city of David, and made abundant weapons and shields. Aca akora cane mu gusanura ibihengeri vyose vy’uruzitiro no mu kwubaka iminara kuri rwo. Yubaka n’urundi ruzitiro inyuma y’urwo, akomeza n’amabaraza yo mu Gisagara ca Dawidi. Yongera acurisha ibigwanisho vyinshi n’inkinzo nyinshi.
6 He set war commanders over the people, gathered them at the city gate square, and encouraged them: Ashinga abakuru b’ingabo bo kurongora abantu, aca arabakoranya imbere yiwe i ruhande y’irembo ry’igisagara, maze abatera intege muri aya majambo ati:
7 "Be strong and brave. Don't fear or dread Assyria's king and all his horde, for more are with us than with him. “Mukomere kandi mureme. Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera umwami w’i Ashuri n’ingabo nyinshi ziri kumwe na we; kuko hari ubushobozi bwinshi buri kumwe natwe kuruta uburi kumwe na we.
8 With him is only an arm of flesh; with us is our Father, to help us and fight our battles." The people relied on Hezekiah king of Judah's words. We yishimikije inkomezi z’umuntu w’inyama n’amaraso, ariko tweho turi kumwe n’Uhoraho Imana yacu ngo itugwanire intambara.” Maze abantu bararema kubw’amajambo Hezekiya umwami w’i Buyuda avuze.
9 After this, while besieging Lachish with all his forces, Sennacherib king of Assyria sent his servants to Jerusalem, to Hezekiah king of Judah and all Judah there, saying: Hanyuma y’ivyo, igihe Senakeribu umwami w’i Ashuri n’ingabo ziwe zose bari bugarije i Lakishi, yaciye arungika abaganwa biwe i Yerusalemu, abarungikana ubutumwa kwa Hezekiya umwami w’i Buyuda n’abantu bose b’i Buyuda bari aho, ati:
10 "This is what Sennacherib king of Assyria says: On what are you trusting, staying under siege in Jerusalem? “Uku ni ko Senakeribu umwami w’i Ashuri avuze: ngo mbega mwishimirije iki cotuma muguma i Yerusalemu kandi hugarijwe?
11 Isn't Hezekiah deceiving you, surrendering you to die by famine and thirst, when he says, 'The LORD our God will save us from the hand of the king of Assyria'? Iyo Hezekiya ababwiye ngo: ‘Uhoraho Imana yacu iradukiza idukure mu kuboko kw’umwami w’i Ashuri,’ aba ariko arabahenda, kugira ngo mwicwe n’inzara n’inyota.
12 Wasn't it Hezekiah who removed his high places and altars, telling Judah and Jerusalem to worship at one altar and burn offerings there? Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibicaniro vyo ku misozi n’ibindi bicaniro vyose vy’imana, akabwira Abayuda n’ab’i Yerusalemu ati: ‘Muzohora musengera imbere y’igicaniro kimwe kandi ni co muzoturirirako ibimazi’?
13 Don't you know what I and my fathers did to all peoples of other lands? Could their nations' gods rescue their lands from my hand? Mbega ntimuzi ivyo twe na ba sogokuruza banje twakoreye abantu bose bo mu yandi mahanga? Mbega imana z’ayo mahanga hari aho zigeze zishobora kuyakiza ngo zikure igihugu cayo mu kuboko kwanje?
14 What god of nations my fathers devoted to destruction could save his people from my hand? How then can your God save you from my hand? Mbega mu mana zose z’ayo mahanga ba data basanganguye, ni izihe zashoboye gukiza abantu bazo ukuboko kwanje? None imana yanyu yobakiza gute mu maboko yanje?
15 Don't let Hezekiah deceive or mislead you like this, and don't believe him: no god of any nation or kingdom could rescue his people from my hand or my fathers'—much less will your God rescue you from my hand!" Nuko ntimwemere ko Hezekiya abahenda canke ngo abazimize kugeza hiyo. Ntimwemere ivyo ababwira, kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye gukiza abantu bayo ngo ibakure mu kuboko kwanje canke kwa ba sogokuruza bacu. Mbega ibi ntibirushirije kubereka ko imana yanyu itazoshobora kubakura mu kuboko kwanje?”
16 And his servants spoke still more against our Father and against his servant Hezekiah. Maze izo ntumwa za Senakeribu zivuga n’ibindi vyinshi vyo gucokora Uhoraho Imana n’umusavyi wayo Hezekiya.
17 Sennacherib also wrote letters insulting our Father, the God of Israel, speaking against him: "The nations' gods did not rescue their people from my hand; neither will Hezekiah's God rescue his people from my hand." Uwo mwami yandika n’ayandi amakete yo gutuka Uhoraho, Imana y’Abisirayeli; mu kuyicokora yongera avuga ngo: “Nk’uko imana z’ayandi mahanga zitashoboye gutabara abantu bazo ngo zibakure mu kuboko kwanje, ni ko n’imana ya Hezekiya itazokiza iri hanga mu kuboko kwanje.”
18 They shouted loudly in Judah's language to Jerusalem's people on the wall, to frighten and terrify them, to seize the city. Nuko bahamagara abantu b’i Yerusalemu bari ku ruzitiro, bababwira mu Giheburayo kugira ngo babace ivutu, maze babone gufata igisagara.
19 They spoke of Jerusalem's God like the gods of earth's peoples, the work of human hands. Bavuga Imana y’i Yerusalemu bayigereranya n’imana z’ayandi mahanga yo mw’isi, zakozwe n’intoke z’abantu.
20 Then King Hezekiah and the prophet Isaiah son of Amoz prayed about this, crying out to heaven. Umwami Hezekiya n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amozi barasemerera, basenga barangamije mw’ijuru ku bw’ivyo.
21 So our Father sent an angel who killed every mighty warrior, commander, and officer in the Assyrian king's camp. Sennacherib returned home in disgrace, and when he entered his god's temple, some of his own sons killed him there with the sword. Nuko Uhoraho arungika umumarayika, yica ingabo z’abahizi bose, harimwo n’intwazangabo nkurunkuru, abasanze aho umwami w’Abashuri yari acumbitse. Maze wa mwami w’Abashuri aca asubira inyuma mu gihugu ciwe ateterewe. Umusi umwe agiye mu ngoro y’imana yiwe, bamwe mu bahungu biwe bamucumita inkota arapfa.
22 So our Father saved Hezekiah and Jerusalem's people from the hand of Sennacherib king of Assyria and all others, and he cared for them on every side. Uko ni ko Uhoraho yatabaye Hezekiya n’abantu b’i Yerusalemu, abakiza ukuboko kwa Senakeribu umwami w’i Ashuri n’ukuboko kw’abandi bansi; abarinda impande zose.
23 Many brought gifts to our Father in Jerusalem, and treasures to Hezekiah king of Judah; afterward all nations honored Hezekiah highly. Benshi bazanira Uhoraho ibimazi i Yerusalemu n’amashikanwa y’agaciro, bayazanira Hezekiya umwami w’i Buyuda. Kuva ico gihe amahanga yose aca aramutinya.
24 In those days Hezekiah grew sick to death; he prayed to our Father, who answered, giving him a sign. Muri iyo misi Hezekiya aragwara ashika ku mpfiro. Asenga Uhoraho, na we aramwishura, amuha ikimenyetso c’igitangaza.
25 But Hezekiah didn't repay the good done him; his heart grew proud, so anger came on him and on Judah and Jerusalem. Ariko umutima wa Hezekiya wari wuzuye ubwibone bituma atamenya ubuntu yagiriwe. Nuko Uhoraho arakira Hezekiya, arakira Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose.
26 Hezekiah humbled himself for his proud heart, he and Jerusalem's people, so our Father's wrath didn't reach them in Hezekiah's days. Mu nyuma Hezekiya yihana ubwibone bwo mu mutima wiwe, n’ab’i Yerusalemu; ivyo bituma uburake bw’Uhoraho bubavako, ntiyasubira kubarakira mu misi yose Hezekiya yabayeho.
27 Hezekiah had great wealth and honor. He built storerooms for silver, gold, gems, spices, shields, and other valuables, Hezekiya yari afise ubutunzi bwinshi n’icubahiro, kandi yari yaraziganije ifeza n’inzahabu n’amabuye y’igiciro, n’ibimota neza, inkinzo n’ibindi bintu vy’igiciro kinini.
28 storerooms for the harvest of grain, new wine, and oil; stalls for all kinds of livestock; pens for flocks. Yubaka kandi amazu yo kwimburiramwo ingano, imivinyu n’amavuta; yubaka n’impongore z’amasho y’ubwoko bwose, n’iz’imikuku y’intama n’impene.
29 He built cities for himself and gained huge flocks and herds, for our Father gave him very great wealth. Yubaka ibigwati yironkera ibitigiri binini vy’imikuku n’amasho, kuko Imana yari yamuhaye ubutunzi bwinshi cane.
30 Hezekiah stopped Gihon's upper outlet and directed the water down the west side of David's city. He succeeded in all he did. Hezekiya ni we yagomeye amazi y’umugezi wa Gihoni aca ashiraho umuringoti w’amazi uyajana, uciye mu burengero bw’Igisagara ca Dawidi. Ivyo yipfuza gukora vyose yarabishikako.
31 When Babylon's rulers sent envoys to him asking about the land's sign, our Father left him to himself, to test him and to know all in his heart. Ariko igihe intumwa zatumwa kuri we zivuye ku baganza i Babiloni ngo bamubaze ivyerekeye ibitangaza vyari vyabaye mu gihugu, Imana iramureka kugira ngo imugeze imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.
32 Hezekiah's remaining acts and faithful deeds are written in the vision of Isaiah the prophet, son of Amoz, in the Book of the Kings of Judah and Israel. Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Hezekiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubwizigirwa, vyanditswe mu vyo uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amozi yeretswe, biri mu gitabu c’abami b’i Buyuda n’abo muri Isirayeli.
33 Hezekiah slept with his ancestors, buried in the upper tombs of David's sons. All Judah and Jerusalem's residents honored him at death. His son Manasseh succeeded him. Nuko Hezekiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku gasozi ahari itongo bahambamwo abo mu ruvyaro rwa Dawidi. Amaze gupfa, Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu bamuha icubahiro. Maze Manase umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]