Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The people of Jerusalem made his youngest son Ahaziah king in his place, since the raiders who came with the Arabs into the camp had killed all the older sons. So Ahaziah son of Jehoram king of Judah became king. Ab’i Yerusalemu bimika Ahaziya umuhererezi wa Yehoramu, aba umwami mu gishingo ca se, kuko bakuru biwe bose bari bishwe bahitanywe na ca gitero c’ingabo zazananye n’Abarabu zibatsinda aho bashagaje. Nuko Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda atangura kuganza.
2 Ahaziah became king at twenty-two and reigned one year in Jerusalem. His mother was Athaliah, granddaughter of Omri. Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yaba umwami, aganza umwaka umwe ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Ataliya, umwuzukuru wa Omuri.
3 He too followed the ways of Ahab's house, for his mother counseled him to do evil. Na we nyene agendera mu ngeso z’ab’inzu ya Ahabu, kuko nyina yamwosha gukora ibibi.
4 He did evil in our Father's eyes, like Ahab's house, for after his father's death they were his counselors, to his ruin. Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bakora, kuko se amaze gupfa ari bo babaye abahanuzi biwe, maze bimukwegera kuranduka.
5 He followed their advice too, joining Joram son of Ahab, Israel's king, to fight Hazael king of Aram at Ramoth-gilead, where the Arameans wounded Joram. Yongera akurikiza inama bamugiriye igihe yajana na Yoramu mwene Ahabu umwami w’Abisirayeli kugwanya Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti Gileyadi. Abasiriya bakomeretsa Yoramu;
6 So he returned to Jezreel to recover from the wounds he received at Ramah fighting Hazael king of Aram. Ahaziah son of Jehoram king of Judah went down to Jezreel to see Joram son of Ahab, because he was wounded. aca asubira i Yezireyeli kugira ngo akirireyo inguma yakomerekeye i Ramoti mu ntambara agwana na Hazayeli umwami w’i Siriya. Nuko Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda aramanuka aja i Yezireyeli gusuhuza Yoramu mwene Ahabu kuko yari yarakomeretse.
7 Ahaziah's downfall came from our Father when he visited Joram. On arriving, he went out with Jehoram against Jehu son of Nimshi, whom our Father had anointed to destroy the house of Ahab. Muri uko kuja kumusuhuza, Imana yari yateguye gukuraho Ahaziya. Ahaziya ashitse, asohokana na Yoramu ngo baje gusanganira Yehu mwene Nimushi, uwo Uhoraho yari yimikishije amavuta ngo aze akureho ab’inzu ya Ahabu.
8 As Jehu carried out judgment on Ahab's house, he found Judah's officials and Ahaziah's nephews who served Ahaziah, and killed them. Igihe Yehu yariko araherengeteza ab’inzu ya Ahabu, ahura n’abaganwa b’i Buyuda n’abahungu b’incuti za Ahaziya bakorera Ahaziya, maze arabica.
9 He searched for Ahaziah, who was captured while hiding in Samaria. They brought him to Jehu and killed him, then buried him, saying, "He is Jehoshaphat's son, who sought our Father with all his heart." So Ahaziah's house had no one strong enough to hold the kingdom. Nuko yinjira mu nzu kurondera Ahaziya, abantu ba Yehu bamufatira aho yari yinyegeje i Samariya. Bamuzanira Yehu aca aramwica. Baca baramuhamba, kuko bavuga bati: “Yari mwene Yehoshafati, yarondera Uhoraho n’umutima wiwe wose.” Nuko ntihasigara umuntu n’umwe mu bo mu nzu kwa Ahaziya afise ububasha bukwiye bwo kuba umwami.
10 When Athaliah, Ahaziah's mother, saw her son was dead, she set out to destroy all the royal offspring of Judah's house. Ataliya nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe apfuye, atangura kwica abana b’umwami bose bo mu muryango wa Yuda.
11 But Jehoshabeath the king's daughter took Joash son of Ahaziah, stealing him from among the royal sons about to be killed, and hid him with his nurse in a bedroom. So Jehoshabeath, King Jehoram's daughter, Jehoiada the priest's wife and Ahaziah's sister, hid him from Athaliah, so she did not kill him. Ariko Yehosheba, umukobwa w’umwami Yehoramu, afata Yowashi mwene Ahaziya aramunyuruza amukuye mu bandi bana b’umwami bagira bicwe, amunyegeza mu cumba co kuryamamwo ari kumwe n’umurezi wiwe. Kubera ko Yehosheba, umukobwa w’umwami Yehoramu akaba n’umugore w’umuherezi Yehoyada yari mushiki wa Ahaziya, vyatumye ashobora kunyegeza uwo mwana kugira ngo Ataliya ntamwice.
12 He stayed hidden with them in the house of our Father six years while Athaliah reigned over the land. Agumana na bo anyegejwe mu Ngoro y’Imana kumara imyaka itandatu Ataliya ari we atwara ico gihugu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]