Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Rehoboam came to Jerusalem and assembled the house of Judah and Benjamin—180,000 chosen warriors—to fight against Israel and restore the kingdom to Rehoboam. Rehobowamu ashitse i Yerusalemu, akoranya Abayuda n’Ababenyamini, abatoranyamwo imisore ishobora kugwana ibihumbi ijana na mirongo umunani kugira ngo baje gutera Abisirayeli, bagarurire ubwami Rehobowamu.
2 But the word of our Father came to Shemaiah, the man of our Father, saying: Ariko ijambo ry’Uhoraho riza kuri Shemaya umuntu w’Imana riti:
3 "Say to Rehoboam son of Solomon, king of Judah, and to all Israel in Judah and Benjamin: “Barira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’i Buyuda n’Abisirayeli bari i Buyuda n’i Bubenyamini, uti:
4 This is what our Father says: Don't go up or fight against your brothers. Go home, each of you—this came from me." So they obeyed the words of our Father and turned back from advancing against Jeroboam. ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimuduge kugwanya abavukanyi banyu. Umwe wese muri mwebwe nasubire iwe, kuko ivyabaye vyose ari jewe nabigize.’ ” Nuko bumvira ijambo ry’Uhoraho basubira inyuma bareka gutera Yerobowamu.
5 Rehoboam lived in Jerusalem and built up cities for defense in Judah. Rehobowamu aba i Yerusalemu, aca yubaka ibisagara vyo kugwanira igihugu c’i Buyuda ari vyo
6 He built Bethlehem, Etam, and Tekoa, Betelehemu, Etamu, Tekowa,
7 Beth-zur, Soco, Adullam, Beti-Zuri, Soko, Adulamu,
8 Gath, Mareshah, Ziph, Gati, Maresha, Zifu,
9 Adoraim, Lachish, Azekah, Adorayimu, Lakishi, Azeka,
10 Zorah, Aijalon, and Hebron, the fortified cities in Judah and Benjamin. Zora, Ayaloni n’i Heburoni. Ivyo vyari ibisagara bizitijwe inzitiro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini.
11 He strengthened the fortresses and put commanders in them, along with stores of food, oil, and wine. Akomeza uburyo bwo kubikingira yongera ashiraho n’abakuru b’ingabo muri vyo, n’ububiko bw’ivyokurya, amavuta ya elayo, n’umuvinyu.
12 In every city he placed shields and spears, strengthening them greatly. So Judah and Benjamin remained his. Ashiramwo inkinzo n’amacumu muri ivyo bisagara vyose, abigira ibihambaye. Nuko i Buyuda n’i Bubenyamini haguma musi y’ubutware bwiwe.
13 The priests and the Levites who were throughout all Israel came to him from all their territory, Abaherezi n’Abalewi bandi bari bakwiragiye mu ntara zose za Isirayeli bavayo baja ku ruhande rwiwe.
14 for the Levites left their pasturelands and property, going to Judah and Jerusalem, since Jeroboam and his sons turned them away from serving as priests of our Father. Abalewi baheba ibisagara vyabo n’uburagiro bwabo, baja kuba i Buyuda n’i Yerusalemu kuko Yerobowamu n’abahungu biwe bari babankiye gukora igikorwa cabo c’ubuherezi bw’Uhoraho.
15 He appointed his own priests for the high places, for the goat idols, and for the calf idols he had made. Kandi ashiraho abaherezi biwe ngo bakorere mu bibanza vyo gusengeramwo ku misozi, ngo bahereze ibimazi ibigirwamana vy’impene n’inka yari yakoresheje.
16 From every tribe of Israel, those who set their heart on seeking our Father, the God of Israel, followed the Levites to Jerusalem to sacrifice to our Father, the God of their ancestors. Abo mu miryango yose y’Abisirayeli bashize imitima ku kurondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bakurikira Abalewi baja i Yerusalemu ngo baje gushikanira Uhoraho Imana ya ba sekuruza ibimazi.
17 They strengthened Judah's kingdom, supporting Rehoboam son of Solomon three years, for they walked in the way of David and Solomon three years. Bakomeza ubwami bw’i Buyuda, bashigikira Rehobowamu mwene Salomo imyaka itatu, bagendera mu nzira za Dawidi na Salomo mu gihe ciwe.
18 Rehoboam married Mahalath, the daughter of Jerimoth son of David and of Abihail the daughter of Eliab son of Jesse. Rehobowamu arongora Mahalati, yari umukobwa wa Yerimoti mwene Dawidi na Abihayili, umukobwa wa Eliyabu mwene Isayi.
19 She bore him sons: Jeush, Shemariah, and Zaham. Avyarana na we abahungu ari bo: Yewushi, Shemariya na Zahamu.
20 After her, he married Maacah the daughter of Absalom, who bore him Abijah, Attai, Ziza, and Shelomith. Hanyuma arongora Mayaka umukobwa wa Abusalomu, ari we bavyaranye Abiya, Atayi, Ziza na Shelomiti.
21 Rehoboam loved Maacah daughter of Absalom more than his other wives and concubines, since he had eighteen wives, sixty concubines, twenty-eight sons, and sixty daughters. Rehobowamu akunda Mayaka umukobwa wa Abusalomu kurusha abandi bagore biwe bose n’incoreke ziwe. Bose na bose yari afise abagore icumi n’umunani n’incoreke mirongo itandatu; bavyarana abahungu mirongo ibiri n’umunani n’abakobwa mirongo itandatu.
22 Rehoboam made Abijah, son of Maacah, chief leader among his brothers, intending to make him king. Rehobowamu ashinga Abiya mwene Mayaka ngo abe umuganwa mukuru ku bavukanyi biwe, kugira ngo aze amwimike.
23 He acted wisely, spreading some of his sons through every district of Judah and Benjamin, to each fortified city, giving them abundant provisions and seeking many wives for them. Akorana ubwenge mu gukwiragiza abandi bahungu biwe mu ntara zose z’i Buyuda n’i Bubenyamini, no muri vya bisagara bizitijwe inzitiro. Abaha ubutunzi bwinshi, abaronderera n’abagore benshi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]