Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Kings 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Solomon allied by marriage with Pharaoh king of Egypt. He took Pharaoh's daughter, bringing her to the City of David until he finished building his palace, the house of our Father, and Jerusalem's wall. Umwami Salomo agirirana isezerano na Farawo umwami wa Egiputa, arongora n’umukobwa wiwe. Amuzana kuba mu Gisagara ca Dawidi, gushika ahejeje kwubaka ikirimba ciwe, Ingoro y’Uhoraho hamwe n’inzitiro zikikuje Yerusalemu.
2 But the people were still sacrificing at the high places, since no house had yet been built for the name of our Father in those days. Ariko abantu bari bagishikanira ibimazi mu bibanza bitandukanye vyari vyaratoranijwe, kuko ata ngoro yari bwubakirwe Izina ry’Uhoraho.
3 Solomon loved our Father, living by the statutes of his father David; only he sacrificed and burned incense at the high places. Salomo yarakunda Uhoraho, akagendera mu mategeko ya se Dawidi, kiretse ko we yatangiye ibimazi mu bindi bibanza vyatoranijwe, akahaturirira n’imibavu.
4 The king went to Gibeon to sacrifice, for it was the great high place; Solomon offered 1,000 burnt offerings on that altar. Umwami aja gutangira ibimazi i Gibeyoni, kuko ari ho hari hakuru kuruta ibindi bibanza vyose bitaramutse. Nuko Salomo aragenda ahatangira ibimazi vyo guturirwa igihumbi.
5 At Gibeon our Father appeared to Solomon in a dream at night, saying, "Ask what I should give you." Akiri i Gibeyoni, Uhoraho yiyereka Salomo mw’ijoro ari mu ndoto, aramubwira ati: “Nsaba ico ushaka cose ndakiguha.”
6 Solomon replied, "You showed your servant David, my father, great covenant love, for he walked before you faithfully, righteously, and with an upright heart toward you. You kept this great covenant love for him, giving him a son to sit on his throne today. Salomo arishura ati: “Wagiriye neza cane umusavyi wawe Dawidi ari we data, kuko yakubereye umwizigirwa, akakugororokera n’umutima utunganye. Kandi ukwo kugira neza waragukomeje, gushika aho umuha umuhungu wiwe yicara ku ntebe yiwe y’ubwami uno musi.
7 Now, my Father, you have made your servant king in place of David my father, though I am just a young child, not knowing how to go out or come in. None rero, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami mu kibanza ca data Dawidi. Ariko ndi umwana muto, sinzi uko ndabigenza.
8 Your servant is among your people, the people you chose—too many to number or count. Jewe umusavyi wawe ndi hagati mu bantu watoranije, ihanga rinini cane ritoharurika.
9 So give your servant a discerning heart to govern your people, telling good from evil. For who can govern this great people of yours?" None rero mpa umutima w’ubwenge, kugira ngo nshobore kurongora ubwoko bwawe no gutandukanya iciza n’ikibi. Mbega none ni nde yoshobora kuganza ubu bwoko bwawe bwinshi bungana gutya?”
10 It pleased the Sovereign Father that Solomon had asked this. Imana inezerezwa cane n’uko Salomo ayisavye ikintu nk’ico,
11 Our Father said to him, "Because you asked this, not for long life or riches or your enemies' lives, but for discernment to understand justice, maze imubwira iti: “Ko unsavye ivyo, utansavye kuramba canke ubutunzi, canke ngo unsabe kumara abansi bawe, ahubwo ukansaba ubwenge bwo kurongorana ubugorororotsi,
12 I now act on your word: I give you a wise, discerning heart—no one before you was like you, and none like you will rise after you. nzoguha ivyo unsavye. Nzoguha ubwenge n’umutima w’ubumenyi, ivyo ata wundi muntu n’umwe yigeze aronka imbere yawe, kandi ata n’uwundi azokwigera aronka inyuma yawe.
13 I also give what you did not ask: riches and honor, so no king will compare with you all your days. Hejuru y’ivyo, nzoguha n’ivyo utansavye: ubutunzi n’icubahiro, kugira ngo mu misi y’ukubaho kwawe ntihaze higere haboneka uwundi mwami azongana nawe.
14 If you walk in my ways, keeping my statutes and commands as your father David did, I will lengthen your days." Kandi niwagendera mu nzira zanje, ukubaha amategeko yanje nk’uko so Dawidi yabigize, nzogwiza imyaka yo kubaho kwawe.”
15 Solomon awoke and realized it was a dream. He went to Jerusalem, stood before the ark of the Sovereign Father's covenant, offered burnt offerings and peace offerings, and held a feast for all his servants. Salomo yikanguye, atahura ko yariko ararota. Aca asubira i Yerusalemu, ahagarara imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Imana, ashikana ibimazi vyo guturirwa n’ivy’ishimwe. Hanyuma akoranya abatware biwe abagirira umusi mukuru.
16 Then two women who were prostitutes came to the king and stood before him. Igihe kimwe abamaraya babiri baza imbere y’umwami bahagararaho.
17 One woman said, "Please, my lord, this woman and I live in one house, and I gave birth with her in the house. Umwe muri bo avuga ati: “Mwami wanje, twe n’uwu mugore tuba mu nzu imwe. Igihe navyara umwana twari kumwe muri iyo nzu.
18 On the third day after I gave birth, this woman also gave birth. We were alone; no stranger was with us in the house, just the two of us. Haciye imisi itatu, na we avyara umwana. Twari twenyene, nta wundi yari ahari atari twebwe.
19 During the night this woman's son died, because she lay on him. Ariko ijoro rimwe umwana wiwe arapfa kuko yamuryamyeko.
20 She got up at midnight, took my son from my side while your servant slept, laid him at her breast, and laid her dead son at mine. Aca aravyuka mw’ijoro, atwara umwana wanje nsinziriye. Amushira kw’ibere ryiwe, azana uwo rwiwe yapfuye amushira kw’ibere ryanje.
21 When I got up in the morning to nurse my son, he was dead. But looking closely in the morning light, I saw he was not the son I had borne." Bukeye, mvyutse ngo nonse umwana wanje, nsanga yapfuye. Ariko ndamwihweje neza mu gatondo habona, nsanga si wa mwana jewe nivyariye.”
22 The other woman said, "No! The living one is my son; the dead one is yours." The first replied, "No! The dead one is your son; the living one is mine." So they argued before the king. Wa mugore wundi na we ati: “Uwo muzima ni we rwanje, uwo yapfuye ni we rwawe.” Umwe wa mbere arashishikara ati: “Haba na mba! Uwo yapfuye ni we rwawe, uwo muzima ni we ari uwanje.” Nuko babandanya guharirira imbere y’umwami.
23 The king said, "This one says, 'My son is alive, your son is dead,' and that one says, 'No, your son is dead, my son is alive.'" Umwami aca avuga ati: “Umwe avuga ngo: ‘Umwana wanje ni uwu akomeye, uwawe ni uwu yapfuye,’ uwundi na we ati: ‘Urabesha, umwana wanje ni uwu ari muzima.’ ”
24 So the king said, "Bring me a sword." And they brought a sword before the king. Umwami aca abandanya avuga ati: “Nimunzanira inkota.” Nuko barayimuzanira.
25 The king said, "Cut the living child in two; give half to one, half to the other." Aca atanga itegeko ati: “Fata uwo mwana muzima mumucemwo ibihimba bibiri, kimwe mugihe umwe, ikindi mugihe uwundi.”
26 The mother of the living son spoke to the king, her heart aching for her child, and said, "Please, my lord, give her the living baby! By no means put him to death!" But the other said, "He'll be neither mine nor yours—cut him in two!" Nyina w’uwo mwana muzima yumva ikibabarwe c’umwana wiwe, kuko yamukunda cane, aca arasemerera ati: “Ndakwinginze mwami wanje, muhe uwo mwana amutware, ntumwice!” Ariko uwundi ati: “Nta n’umwe muri twebwe amutwara. Nibamucemwo kubiri!”
27 Then the king said, "Give the living child to the first woman; by no means put him to death. She is his mother." Umwami aca avuga ati: “Uwo mwana muzima nimumuhe uwo mugore wa mbere. Ntimumwice; ni we nyina wiwe.”
28 All Israel heard the judgment the king gave, and they were in awe of him, because they saw that the wisdom of our Father was in him to do justice. Abisirayeli bose bumvise urubanza rwaciwe n’umwami, baramutangarira cane, kuko babonye ko afise ubwenge bwo guca imanza buva ku Mana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]