Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The sons of Reuben, Israel's firstborn—he was indeed the firstborn, but since he violated his father's bed, his birthright went to the sons of Joseph son of Israel, so he could not be listed as the firstborn in the genealogy. Umuhungu w’imfura wa Isirayeli yari Reyubeni. Ariko kubera yahumanije uburiri bwa se mu kuryamana n’umwe mu bagore biwe, vyatumye ukuba samuragwa kwiwe guhabwa bene Yosefu mwene Isirayeli. Ico ni co catumye atandikwa mu rukurikirane rw’intonde z’imfura.
2 Though Judah grew strong among his brothers and a ruler came from him, the birthright was Joseph's. Kandi naho Yuda ari we yarusha inkomezi bene se, kandi uwuganza akaba yavuye mu muryango wiwe, uburenganzira bwo kuba samuragwa bwahawe Yosefu.
3 The sons of Reuben the firstborn of Israel: Hanoch, Pallu, Hezron, and Carmi. Bene Reyubeni, imfura ya Isirayeli, ni: Hanoki, Palu, Hezironi na Karumi.
4 The sons of Joel: Shemaiah his son, Gog his son, Shimei his son, Abakomoka kuri Yoweli ni: Shemaya, Gogi, Shimeyi,
5 Micah his son, Reaiah his son, Baal his son, Mika, Reyaya, Bayali,
6 and Beerah his son, whom Tiglath-pileser king of Assyria exiled—he led the Reubenites. Beyera, uwo Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri yajanye nk’inyagano. Beyera yari umukuru w’umuryango w’Abareyubeni.
7 His relatives by their clans, as listed in the genealogical records: Jeiel the chief, Zechariah, Abakuru b’inzu mu muryango wabo, banditswe hakurikijwe uru rukurikirane: Yeyiyeli umukuru wabo, Zakariya,
8 and Bela son of Azaz, son of Shema, son of Joel. They settled in Aroer, to Nebo and Baal-meon. hamwe na Bela mwene Azazi, mwene Shema, umuhungu wa Yoweli. Baba mu ntara iva ahitwa Aroweri igashika i Nebo n’i Bayali-Meyoni.
9 They also settled eastward to the edge of the desert that stretches to the Euphrates, since their livestock had multiplied in Gilead. Mu buseruko, baba mu gice gishika hafi y’ubugaragwa bugarukira ku ruzi Efurate, kuko imikuku yabo yari yaragwiririye i Gileyadi.
10 In Saul's days they fought the Hagrites, who fell to them; they lived in the Hagrites' tents across the whole region east of Gilead. Ku ngoma y’umwami Sawuli bagwanije Abahaguri, barabanesha; baca bigarurira aho Abahaguri bahora baba ari yo ntara yose iri mu buseruko bw’i Gileyadi.
11 The sons of Gad lived next to them in the land of Bashan as far as Salcah: Abagadi bahana urubibe n’Abareyubeni ahitwa Bashani, gushika i Saleka:
12 Joel the chief, Shapham the second-in-command, then Janai and Shaphat in Bashan. Yoweli ni we yari umukuru wabo, Shafamu akaba icegera ciwe, hagakurikira Yanayi na Shafati b’i Bashani.
13 Their relatives, by their fathers' households, were Michael, Meshullam, Sheba, Jorai, Jacan, Zia, and Eber—seven. Abo mu miryango yabo, nk’uko amazu yabo yari ari, bari: Mikayeli, Meshulamu, Sheba, Yorayi, Yakani, Ziya na Eberi, bose bari indwi.
14 These were sons of Abihail son of Huri, son of Jaroah, son of Gilead, son of Michael, son of Jeshishai, son of Jahdo, son of Buz. Aba ni bo bari bene Abihayili mwene Huri, mwene Yarowa, mwene Gileyadi, mwene Mikayeli, mwene Yeshishayi, mwene Yahido, mwene Buzi.
15 Ahi son of Abdiel, son of Guni, was the head of their fathers' households. Ahi mwene Abudiyeli, mwene Guni, ni we yari umukuru w’umuryango wabo.
16 They lived in Gilead, in Bashan and its villages, and across all Sharon's pasturelands to their borders. Abagadi baba i Gileyadi, i Bashani n’ibigwati vyahegukira, hamwe n’uburagiro bwose bw’i Sharoni iyo bwashika hose.
17 All these were listed in genealogies during the reigns of Jotham king of Judah and Jeroboam king of Israel. Abo bose banditswe mu bitabu vy’intonde ku ngoma ya Yotamu umwami w’i Buyuda na Yerobowamu umwami w’Ubwisirayeli.
18 The Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh had capable men bearing shield and sword, drawing the bow, trained for war—44,760 ready for battle. Abareyubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bari bafise ingabo zingana ibihumbi mirongo ine na bine n’amajana indwi na mirongo itandatu biteguye kuja ku rugamba, bize ivyo kugwana bashobora gukoresha inkinzo n’inkota, bashobora no gukoresha umuheto, bigishijwe ivy’intambara.
19 They waged war against the Hagrites, and against Jetur, Naphish, and Nodab. Baja gutera Abahaguri b’i Yeturi, Nafishi n’i Nodabu.
20 They were helped against them; the Hagrites and all their allies were given into their hand, because they cried out to our Father in battle. He answered them, for they trusted in him. Muri iyo ntambara bizigira Imana barayambaza ngo ibafashe, maze yumva ugusenga kwabo, itanga Abahaguri n’ababafasha mu maboko yabo.
21 They captured the Hagrites' livestock: 50,000 camels, 250,000 sheep, 2,000 donkeys, and 100,000 people. Banyaga imikuku y’Abahaguri: ingamiya ibihumbi mirongo itanu, intama ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu n’indogoba ibihumbi bibiri; bongera bajana abantu ibihumbi ijana nk’inyagano.
22 Many fell dead, for the battle was our Father's; they lived there until the exile. Abansi benshi bagwa mu ntambara, kuko Imana ari yo yariko irabagwanya. Baca bibera muri ico gihugu gushika mu gihe bajanwa nk’inyagano.
23 Manasseh's half-tribe lived in the land, growing numerous from Bashan to Baal-hermon, Senir, and Mount Hermon. Abakomoka ku gice c’umuryango wa Manase bari benshi; baba mu ntara y’i Bashani gushika i Bayali-Herumoni, ari ho Seniri.
24 Heads of their fathers' households: Epher, Ishi, Eliel, Azriel, Jeremiah, Hodaviah, and Jahdiel—mighty warriors, famous men, heads of their fathers' households. Aba ni bo bari abakuru b’inzu zigize uwo muryango: Eferi, Ishi, Eliyeli, Aziriyeli, Yeremiya, Hodaviya na Yahudiyeli. Bari abahizi bazi kugwana, ba rurangiranwa, bakaba abakuru b’inzu zigize uwo muryango wabo.
25 But they were unfaithful to their ancestors' God and prostituted themselves to the gods of the land's peoples, whom our Father had destroyed before them. Ariko ntibubaha Imana ya ba sekuruza baca bifatanya n’ibigirwamana vy’abantu b’ico gihugu, abo Imana yirukanye imbere yabo.
26 So our Father of Israel stirred up the spirit of Pul king of Assyria—Tiglath-pileser king of Assyria—and he exiled the Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh to Halah, Habor, Hara, and the river Gozan, where they remain to this day. Maze Imana ya Isirayeli ikangura umutima wa Puli umwami w’i Ashuri: uwo ni we Tigulati-Pilineseri umwami w’i Ashuri, aca atwara nk’inyagano Abareyubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase. Abajana i Halahi, Habori, Hara no ku ruzi rw’i Gozani, aho bagumye kugeza n’ubu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]