Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After David settled in his house, he told Nathan the prophet, "Look, I live in a cedar house, but the ark of our Father's covenant sits under tent curtains." Dawidi amaze gushika neza mu ngoro iwe, abwira Natani uwavugishwa n’Imana ati: “Ehe raba, jewe mba mu nzu yubatswe n’ibiti vy’amasederi, nayo Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho iba mw’ihema.”
2 Nathan replied to David, "Do all that is in your heart, for our Father is with you." Natani yishura Dawidi ati: “Ivyo wiyumvira gukora vyose, genda ubikore kuko Imana iri kumwe nawe.”
3 But that night the word of our Father came to Nathan: Ariko muri iryo joro, ijambo ry’Imana riza kuri Natani riti:
4 Go tell David my servant: "This is what your Father says: You are not the one to build me a house to live in." “Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Si wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo.
5 I haven't lived in a house from the day I brought Israel up to now—I've moved tent to tent, dwelling to dwelling. Sinigeze mba mu nzu kuva igihe nakuriye Abisirayeli muri Egiputa gushika uwu musi. Namye nimuka mva mu kibanza kimwe nja mu kindi, nkibera mw’ihema.
6 Wherever I moved with all Israel, did I ever speak a word to any of Israel's judges, whom I commanded to shepherd my people, asking, 'Why haven't you built me a cedar house?' Ahantu hose nimukiye ndi kumwe n’Abisirayeli bose, hari aho nigeze mbwira umutware n’umwe mu barongozi nabahaye ngo baragire ubwoko bwanje nti: Ni kuki mutanyubakira inzu mu biti vy’amasederi?’
7 So tell my servant David: "This is what the Father of heaven's armies says: I took you from the pasture, from following the flock, to be ruler over my people Israel. None rero, genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: nagukuye mu bwungere aho waragira intama, ndagutoranya ngo ube uwuganza abantu banje b’Abisirayeli.
8 I've been with you everywhere you went, and cut off all your enemies before you. Now I'll make your name like the name of earth's greatest ones. Nabanye nawe aho wagiye hose, kandi naherengeteje abansi bawe imbere yawe. None ngira nkuze izina ryawe ribe nk’amazina y’abahambaye bo kw’isi.
9 I will appoint a place for my people Israel and plant them there, to live in their own home, never disturbed again. Wicked people will no longer wear them down as before, Kandi nzoha abantu banje b’Abisirayeli aho kuba, ndabateragire ahantu hatekanye ngo bagire inzu yabo bwite, aho batazokwongera kuburagizwa. Abansi babo ntibazosubira kubacinyiza nk’uko bahora babigira kera,
10 since I appointed judges over my people Israel, I will subdue all your enemies. I tell you: your Father will build you a house. canke nk’uko bamye babikora uhereye igihe nashiraho abacamanza bo kurongora abantu banje b’Abisirayeli. Kandi nzocisha bugufi abansi bawe bose. Kandi ikirenze kuri ivyo, ndakumenyesheje ko ari Uhoraho azokwubakira inzu.
11 When your days end and you go to be with your ancestors, I will raise your offspring after you, one of your sons, and I will establish his kingdom. Imisi yawe niyashira ugahamvya ba sogokuruza, nzohagurutsa uwo mu ruvyaro rwawe wo kugusubirira ku ngoma, umwe wo mu bahungu bawe wivyariye, kandi nzokomeza ubwami bwiwe.
12 He is the one who will build me a house, and I will establish his throne forever. Uwo ni we azonyubakira ingoro, nanje nzokomeza ingoma yiwe ibihe bidashira.
13 I will be his Father; he will be my son. I won't remove my covenant love from him as I removed it from the one before you. Nzomubera se, na we azombera umwana. Kandi sinzokwigera ndamukurako urukundo rwanje, nka kurya narukuye ku wo wasubiriye ku ngoma.
14 I will set him over my house and my kingdom forever; his throne will stand firm forever." Nzomuzeza inzu yanje n’ubwami bwanje ibihe vyose; intebe y’inganji yiwe izokwama ihangamye ibihe bidashira.”
15 Nathan reported to David all these words and this entire vision. Nuko Natani aragenda ashikiriza Dawidi ayo majambo yose y’uko guhishurirwa.
16 Then King David went in, sat before our Father, and said, "Who am I, my Father, and what is my house, that you have brought me this far? Nuko umwami Dawidi arinjira yicara imbere y’Uhoraho, maze avuga ati: “Jewe ndi iki, yewe Uhoraho Nyeninganji, kandi n’umuryango wanje wari iki, ko wanshikanye aha hose?
17 And as if this were a small thing in your eyes, my Father—you have spoken of your servant's house reaching into the distant future, and you have looked on me as the greatest of men, my Father. Kandi nk’aho umenga ivyo vyose ntivyari bihagije mu nyonga zawe ga Mana, warongeyeko uvuga ivya kazoza k’inzu y’umusavyi wawe. Wewe Uhoraho Mana, wandavye nk’uko umenga ndi hejuru y’abandi bose.
18 What more can David say to you for honoring your servant? For you know your servant. Mbega jewe Dawidi ikindi novuga ni iki ku vy’icubahiro wampaye jewe umusavyi wawe? Kuko urazi umusavyi wawe,
19 My Father, for your servant's sake and by your own heart, you have done all these great things, revealing all these great promises. yewe Uhoraho. Wakoze iki kintu gihambaye, wongera umenyesha amasezerano yawe ahambaye nk’uko wabigomvye.
20 My Father, none is like you, no Father besides you, as all we've heard with our ears. Nta n’umwe asa nawe Uhoraho, kandi nta yindi Mana atari wewe, nk’uko twavyiyumviye n’amatwi yacu.
21 Who is like your people Israel, the one nation on earth our Father went to redeem as a people for himself, making yourself a name by great and awesome deeds, driving out nations before your people, whom you redeemed from Egypt? Kandi ni irihe hanga kw’isi yose rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli; ihanga wewe Imana wihagurukiye ukaja gucungura kugira ngo ribe iryo wiharije; kandi kugira ngo wiheshe icubahiro, ugakora ibihambaye biteye ubwoba, ukirukana amahanga imbere y’abantu bawe wacunguye ukabakura muri Egiputa?
22 You made your people Israel your very own forever, and you, my Father, became their Father. Wahinduye abantu bawe b’Abisirayeli kuba abo wiharije ibihe vyose, kandi nawe Uhoraho, wahindutse Imana yabo.
23 Now, my Father, let the word you spoke about your servant and his house stand forever; do as you have spoken. None rero, Uhoraho, ivyo wasezeraniye umusavyi wawe n’inzu yiwe uze ubikomeze kugeza ibihe vyose. Uze ukore nk’uko wasezeranye,
24 Let it stand, and your name grow great forever, so it's said, 'The Father of heaven's armies is our Father over Israel.' Let your servant David's house be established before you. kugira ngo bishike kandi izina ryawe ribe irihambaye ibihe bidashira. Maze abantu bazovuge bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose, Imana iganza Abisirayeli, ni yo Mana y’Abisirayeli!’ Kandi n’inzu y’umusavyi wawe Dawidi izokomerera imbere yawe.
25 For you, my Father, revealed to your servant that you will build him a house—so your servant found courage to pray before you. Ewe Mana yanje, wahishuriye umusavyi wawe ko uzomwubakira inzu. Ni co catumye umusavyi wawe nterwa intege zo kugusenga.
26 Now, my Father, you are our Father; you promised your servant this good thing. None rero Uhoraho, uri Imana! Wasezeraniye umusavyi wawe ibi vyiza bingana bityo.
27 Now you have chosen to bless your servant's house, so it may continue before you forever; for you, my Father, have blessed it, and it is blessed forever." Vyaguhimbaye guha umugisha inzu y’umusavyi wawe, ngo izohore iri imbere yawe ibihe vyose; kuko ubwawe, yewe Uhoraho wayihezagiye, kandi izokwama ihezagiwe ibihe vyose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]