Skip to content
The Believer's Library
Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Dawidi atabaza ko akizwa

Ku mukuru w’abaririmvyi. Hamwe n’ibikembe. Zaburi y’ubukerebutsi ya Dawidi, igihe Abazifu baja kwa Sauli bakamubwira bati: “Mbega Dawidi ntahishwe iwacu?”

Abazifu bari bamaze kwemera gushikiriza Dawidi Sauli. Isengesho ryiwe ni rigufi kandi ritarimwo urwamo, ngo unkize ku bw'izina ryawe, kandi rihagarara ku jambo rimwe ridahinduka: ni ukuri Data ni we amfasha, ni we aramira ubuzima bwanje.

Igice 54.

Ewe Data, umpokore mw’izina ryawe, kandi unduhurire ku bw’ubushobozi bwawe. Ewe Data, wumve isengesho ryanje; utege ugutwi amajambo y’akanwa kanje. Kuko ba kavamahanga banyadukiye, kandi abantu b’inkazi bashaka kunyica—nta co bitaho Data wa twese.

Ni ukuri Data ni we mufasha wanje; Data Nyenicubahiro ni we ashigikira ubuzima bwanje. Azogarurira ububi kuri abo bantega iryenge; mu bwizigirwa bwawe, ubamarire. Nzogushikanira ikimazi co kwishakira; nzoshemeza izina ryawe, Data, kuko ryiza. Kuko yankuye mu makuba yose, kandi namaze kuraba abansi banje nesheje.